Imyidagaduro

Big Fizzo mu giteramo co kwinjira icese ubunywero Guera Plaza.

Big fizzo yashitse ku kibuga c’indege mpuzamakungu Mélchiol Ndadaye mu gisagara ca Bujumbura aje mu giteramo categuwe n’ ubunywero “Guera Plaza” buri muri Komine Ntahangwa, Zone Kamenge mu ntumbero yo kwinjira icese ubwo bunywero inyuma yo gusubirwamwo bugashirwa kurundi rugezo rw’akarorero mu gisagara ca Bujumbura. Ico giteramo kizoba kuwa 7 Ndamukiza 2023 k’umuhingamo isaha cumi na zibiri n’igice ku masaha yi Bujumbura(18h30′).

Big Fizzo ahejeje gushika ku kibuga c’indege.

Haraciye igihe kinini tudaherutse kubona igiteramo gihurirwamwo n’abaririmvyi bafise igihagararo kinini ngaha mu gihugu cacu. Ni muriyo ntumbero, ubunywero “Guera Plaza” bwateguye ico giteramo co kunezereza abanwanyi babo bacise “ Gera Plaza Grand Opening”. Mu baririmvyi bazokwitabira ivyo birori harimwo Big Fizzo, Vichou Love, Double Jay hamwe na D-One.

D-One n’umuririmvyi acaruka ariko amaze igihe asohora indirimbo zakunzwe n’abatari bake nka Body yaririmbanye na Social Mula, Morning Love hamwe n’ Ubwoba. Abazoba bariko bararyosha igiteramo bavangavanga imiziki nabo ntibabibagiye bari mu murwi bita “Runtowndjs“.

Big Fizzo

Akimara gushika i Bujumbura, Big Fizzo yabwiye Buja FM biciye mu kiganiro Hit Connexion ngo: “Ndaryohewe kugaruka mu gihugu canje kandi n’abakunzi banje ndabazaniye bishasha vyinshi bazobona kuruyu wa gatanu muri Guera Plaza“.  Big Fizzo avuye mu Bufaransa aho yaramaze imisi akorera ibikorwa vyiwe vy’umuziki.

Vichou Love yashize ahabona indirimbo 40 azoririmba murico giteramo.

Umuririmvyi Vichou Love yashize k’urubuga rwiwe rwa Facebook yuko azoririmba indirimbo 40 ngo “Gera Plaza Grand Opening na Vichou Love kuva kuri 1. NO PROBLEM gushika kuri Mawe.  Muzoba muriko mwumviriza ico bita Live Music nk’uko yitwa Mkali wa Live Music East Africa”.

Urubuga rw’umuririmvyi Double Jay OnceAgain.

Double Jay OnceAgain azoba ari irya mbere bahuriye na Big Fizzo mu giteramo kimwe inyuma yo kuva muri BantuBowy. Ivyo yanditse nawe amenyesha abakunzi biwe kariho azoba ari.

Urubuga rw’umuririmvyi D-One.
“Na mukuru wacu Big Fizzo yavyemeye ko tuzoba turikumwe muri Gera Plaza. Nawe nizere ko atagusiba kurya show🕺” Amwe mu majambo D-one yanditse kuri Facebook yiwe ivuga igiteramo bazohuriramwo na Big Fizzo kuwa 7 Ndamukiza.
Mwomenya yuko ubwo bunywero Guera Plaza hari hasanzwe habera ibiteramo bitandukanye kandi ko hari n’ibiteramo Guera Plaza Entertainment yigeze gutegura kikabera kuri Jardin Public bise « XMAS Concert ».

Related posts

Primusic: Ikirangaminsi uko ihiganwa rizogenda riba mu gihugu cose.

Yvan Manager

Intelligent le Comédien muri Festival Canal Comedy Buja 2023.

Yvan Manager

“Festival Canal Comedy Buja 2023” : Iminsi 3 yo gutwenga mu gisagara ca Bujumbura.

Yvan Manager

Leave a Comment