Ibigezweho

Prezida Ndayishimiye yahishuye impamvu CNDD-FDD yasubiriye kumwizera

“CNDD-FDD kumpitamwo ngo ndabaserukire mumatora y’umukuru w’igihugu n”ikimenyetso c’uko bafise vyinshi banshima kurusha ivyo bangayira”

Prezida Ndayishimiye mu kiganiro Main switch co kuwa 02 Ruheshi 2026 kuri BUJA TV

‎Ivyo n’ivyashikirijwe n’Umukuru w’Igihugu mu kiganiro “MainSwitch” gisanzwe gica kuri Buja TV igihe yarabajijwe ko yoba yari yiteze ko umugambwe wiwe uzomushira imbere mumatoro y’umukuru w’igihugu uburundi bwimirije muri 2027

‎Prezida Ndayishimiye yagize ati: “Umuntu wese arazi neza ico yaremewe. Akura ari umubwiriza, iyo bariko baratora batora umwe mu bangana. Iyo rero umaze kumenya ko uri mu babwiriza, wama uzi neza ko uri mu baza gutorwamwo. Rero ico kuvuga ko noba nari ndabizi canke ndavyiteze, nari ndabizi neza ko ndi mu babwiriza bashobora gutorwamwo umwe. Ikiba gisigaye ni ukuraba ubwizigirwa baza guha umwe mu banyamugambwe”

Isanamu yo mu kiganiro

‎Yabandanyije avuga ko kuba yarasanzwe arongoye igihugu nivyo bari bafise ivyo bamugaya ariko abandi nabo ntibari bwagire n’ivyo babagaya. Asigura ko bari gushobora kuvuga ko babona ahari agahaze bakavuga bati ‘dutore uwundi’. Ati: “Ubonye rero bavuze bati “urya vyopfuma”, ni ukuvuga ko bampaye amanota ku bikorwa ndiko ndakora mu myaka 6 maze ndongoye igihugu. Barafise vyinshi banshima kuruta ivyo bangayira kandi nanje nca nezerwa kuko ni vyiza gukorera abashima.”

‎“Ego ni vyo, hariho abantu ushobora gusanga batabishima bakavuga bati ‘Oya tuzorondera uwundi’. Nico gituma nanje naciye mvuga nti ‘Ubu baratomboye iyindi migambwe canke abandi bigenga bavuga bati : ko bazanye urya ndabona aho nzomutsindira’, bagaca bazana uwo babona azoshobora kuntsinda. Harya abo mu yindi migambwe baratomboye, ariko hari n’abandi bigenga bashobora kuba bari baziko bazokwitoza, hanyuma babonye ari jewe agaca abiheba kuko aba abona atonyipimako!” niko Prezida Evariste Ndayishimiye yabandanyije gusigura.

Umukuru w’Igihugu yashimye cane kuba iy’imyiteguro y’amatora iriko iba mu mahoro ata ndyane zirimwo, abenegihugu bari ku kivi. Ivyo vyose ngo biraheza bikerekana ko abantu batanguye kubona ko igihugu atari ico kuza baronona ngo narirya abahiganwa baba ari benshi ariko hagatsinda umwe. Aha womenyako isango ry’ayomatora ari muri Rusama 2027.

Related posts

Primusic ku ncuro ya 5, iragarutse.

Buja Media

Vatikano: Umwotsi wirabura werekana ko ata papa yatowe.

Buja Media

Etienne Ndayiragije, atsinzwe urukino rwa mbere mu Ntamba mu Rugamba.

Buja Media

Leave a Comment