Imibano

Igenekerezo rya 8 Ntwarante yabayeho gute?

Igenekerezo rya 8 Ntwarante uko umwaka utashe, isi yose irahimbaza umusi mpunzamakungu wahariwe agateka k’ umukenyezi, mu Burundi uzohimbarizwa muri komine Buganda mu ntara ya Cibitoke ku civugo: ‘’Uruhara rw’ indongozi mw’ iterambere ry’ ubuhinga ngurukana bumenyi ridakumira.’’ Reta izoserukirwa n’ icegera c’ Umukuru w’ Iguhugu Prosper Bazombaza. 

Amamuko yuwo musi, yataguye mu 1908 mugihe abakenyezi bashika ibihumbi 15 bagize imyiyerekano mu gisagara ca New York bariko barasaba umushahara wongerekane kumvo zuko bakora amasaha menshi no kuronka ububasha bwo gutora. Inyuma y’umwaka umwe gusa, umugambwe w’ari kubutegetsi muri amerika (PSA) baciye bashiraho irya mbere umusi w’umukenyezi kurwego rw’ico gihugu. Clara Zetkin aharanira agateka k’umukenyezi, yagize iciyumviro co gusaba gushiraho uwo musi wahavuye uba mpunzamakuru mu nama idasanzwe mpunzamakungu y’abakenyezi i Copenhague mu gihugu ca Denamark, hari hitavye abakenyezi 100 bavuye mu bihugu 17, bose bemera iyo ngingo.

Mu 1911,niho bataguye guhimbaza uwo musi irya mbere mu bihugu nka Autriche, Danemark, Allemagne na Suisse. Ibihugu birenga 100 bataguye kuwuhimbaza mu 2011, uno mwaka wi 2023 bazohimbaza ku ncuro igira 113. Ishirahamwe mpunzamakungu ONU ryataguye kuwuhimbaza muri 1975 ku civugo: ‘’Duhimbaze kahise, Dutegure kazoza’’.

Kuberiki itariki 8 Ntwarante?

Iciyumviro ca Clara Zektin yiyumviriye uwo musi, nta tariki yariho, bafatirako, ku kirangamisi caba ”Gregrorien” hari igenekerezo 8 Ntwarante niho habaye imyiyerekano mu 1917 igihe abakenyezi bo mugihugu c’Uburusiya basaba ”umukate n’ amahoro”, inyuma y’imisi 4 iyo myiyerekano itaguye, umurwi wabiteguye warabiharaniye cane, reta mfatakibanza yashizeho amategeko yo gutora kw’ abakenyezi, ku kiragamisi caba ‘’Julien’’ bakoresha mu Burusiya ico gihe hari igenekerezo rya 23 Ruhuhuma. Ariko ku kirangamisi caba ”Gregrorien” hari igenekerezo 8 Ntwarante

Tubabwire bimwe mu bihugu uko uwo musi bawufata:

Umukuru w’ Igihugu, Evariste Ndayishimiye bahimbaza uwo musi mu 2021.

-Mu Burundi, reta irifadikanya n’amashirahamwe y’abakenyezi guhimbariza hamwe uwo musi.

-Mu gihugu c’Ubushinwa, abakenyezi bararonka akaruhuko k’igice c’umusi iyo genekerezo nkuko biri mu mategeko yabo,

-Mu Butariyano, baratanga amashurwe ari mu bwoko bwita ”Mimosa”, uwo mugenzo gushika nubu ntibaramenya neza  aho wazananye ariko benshi bibaza yuko wataguriye mu gisagara ca Roma inyuma y’intambara ya kabiri y’isi yose,

-Muri Amerika, ukwezi kose kwa Ntwarante bagufata nk’ukwa mateka y’abakenyezi, harasohoka itangazo ry’Umukuru w’Igihugu kumwaka ku mwaka bibuka ibikorwa abakenyezi bakoze.

 

Related posts

“Reta y’Uburundi igiye kurondera ubwoko bwiza bw’inkwavu zunguka” E. Ndayishimiye

Yvan Manager

Igenekerezo rya 8 ntwarante, ni umusi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi.

Yvan Manager

Augustin yasubiye kuboneka ari muzima inyuma y’imyaka 3 yitavye Imana.

Yvan Manager

Leave a Comment