AmagaraMuburundi

Urucanco rwa Malariya rwamaze gushika mu Burundi.

Abana bari hagati y’amezi 6 na 11 bagiye kuronswa urucanco rwo kurwanya Malariya mu gihugu cose, Uburundi buzoba buteye iyindi ntambwe mu bijanye no kurwanya ihitana ubuzima bw’abantu benshi kurusha izindi rwara bikemezwa na Muganga Olivier NIJIMBERE umunyamabanga Ntayegayezwa mu bushikiranganji bwa amagara y’abantu kuwa 13 Ntwarante mubikorwa vyo guhimiriza kurwengo rw’igihe.Uburundi kibaye igihugu ca 18 gishoboye gushira mu ngiro uwo mugambi.

Kugira ngo umwana wese akingiwe bihagije, ahabwa doze 4 z’urwo rucanco: doze ya mbere mu mezi atandatu, doze ya kabiri ku mezi 7, doze ya gatatu y’amezi 9, n’urwa kane rw’amezi 18. Igice ca mbere c’urwo rucanco kizoba kirimwo intara icenda (9) harimwo Bubanza, Cankuzo, Cibitoke, Karuzi, Kirundo, Muyinga, Ngozi, Rutana na Ruyigi kumvo yuko zifise ibitigiri vy‘abahitanwa n’iyo ngwara kubwinshi.

Muganga Olivier NIJIMBERE umunyamabanga Ntayegayezwa.

Ibirori vyo gutanguza ibikorwa vy’urucanco rwa Malariya bizoba kuwa 17 Ntwarante 2025 isaha imwe zo mu gatondo ku bitaro bikuru vyo ku Mpanda bizoterwa iteka n’umutambukanyi w’umukuru w’Igihugu.

Mu gice ca mbere c’umwaka wa 2022, abipimishije bakanatorwa malariya bangana na, 1863 288 ariko mu rico kiringo nyene umwaka uheze wa 2023 bangana 982 863 kubera yuko bakoresheje iyindi migambi nkiyo gutanga imisegetera n’iyindi.

Ivyo bishitse mu gihe igihugu c’Uburundi kibaye igihugu ca 18 gishoboye gushira mu ngiro uwo mugambi wo gukingira abana indwara ya Malariya hakoreshejwe urwo rucanco.

Related posts

FIFA U-17: Intamba mu rugamba z’abigeme zasezerewe zitsinzwe na Côte d’Ivoire.

Yvan Manager

Abigeme bari mw’ihiganwa rya Miss Burundi 2025 baragize isanganya.

Yvan Manager

SOSUMO izotanga amatoni 686 y’isukari mu gisagara ca Bujumbura muri Ntwarante 2025.

Yvan Manager

Leave a Comment