IbigezwehoMumahanga

Papa mushasha Léon XIV n’ inde, n’ ibiki bikuru bikuru vyamuranze?

Robert Francis Prevost, yavutse kw’igenekerezo rya 14 Nzero mu 1955 i Chicago, kuva kw’igenekerezo rya 8 Rusama 2025, ni Umusenyeri wa 267 w’i Roma akaba n’Umupapa wa Ekleziya Katolika, afise izina rya Pape Léon XIV. afise amamuko yo kumugabane wa  Amerika mu gihugu ca Pérou, akaba ava mu muryango w’Ishengero ry’Umweranda Augustin. Yari muri Pérou hagati y’umwaka wi 1985 n’uwi1998, hanyuma agira amabanga mu nzu y’umuvyeyi w’idini ryiwe i Roma kuva mu mwaka wi 2001 gushika mu mwaka wi 2013. Ku wa 30 Mukakaro mu 2023, yashinzwe gukurikira Karidinali Ouellet kuba umukuru w’Ishengero ry’Abepiskopi, aca atangura ibikorwa vyiwe ku wa 12 Ndamukiza, yashinzwe kuba umukaridinali ku wa 30 Nzero mu 2023.

Ubuzima bwiwe akira muto. 
Papa Léon XIV yavutse kw’igenekerezo rya 14 Nzero mu 1955, mu gisagara i Chicago, se wiwe akomoka mu mu bufaransa hamwe n’umutaliyano, nyina na we akomoka mu gihugu ca Espagne. Yarangije amashure yisumbuye mw’iseminari ntoyi y’Ishengero rya Saint Augustin mu 1973. Papa Léon XIV aronka impapuro z’umutsindo mu vy’ibiharuro mu 1977 muri kaminuza ya Villanova hafi y’i Philadelphia. Yaje mu ba Augustiniens kw’igenekerezo rya 1 Nzero 1977, agira indagano ziwe za mbere kw’igenekerezo rya 2 Nzero mu 1978,  akora umwuga wiwe w’agaciro kw’igenekerezo rya 29 Myandagaro mu 1981. Umwaka wakurikiyeho, aronka uruhusha rwo kwiga mu vy’idini mw’ishirahamwe ry’ivy’Imana ry’Abagatolika ry’i Chicago.

Ubuzima bujanye nivy’ idini.

Umuherezi Papa Léon XIV yashinzwe kuba umupadiri w’Ishengero ry’Umweranda Augustin kw’igenekerezo rya 19 Ruheshi mu 1982 i Roma. Aho ni ho yateguye impapuro z’umutsindo mu vy’amategeko agenga ivy’idini muri kaminuza y’ubupapa ya Saint Thomas d’Aquin, akayironka mu 1984. Papa Léon XIV yaciye arungikwa mu butumwa n’aba Augustin muri Pérou, aba umukuru w’intara ya Chulucanas gushika mu 1986. Mu mwaka wi 1987, yarashize ahabona  igitabu ciwe mu vy’amategeko y’idini ku ruhara rwa prior mu rutonde rwiwe.

Mu mwaka wi 1987, yarasubijwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika nk’umuyobozi w’ivy’ubuhinga n’umuyobozi w’imisiyoni mu ntara ya Chicago y’aba Augustin. Yasubiye muri Pérou mu 1988, amara imyaka cumi yakurikiye ayobora iseminari y’aba Augustin i Trujillo, yigisha amategeko y’idini mw’iseminari ya Diyoseze, aho yari kandi umukuru w’inyigisho. Ni umucamanza kandi mu sentare y’ishengero yo mu karere, akaba n’umwe mu bagize ishure ry’abajanama ry’i Trujillo. Yarongoye kandi Paruwase y’abakene ku nkengera z’igisagara. Mu mwaka w’1998, Papa Léon XIV kuba umukuru w’intara y’Umuvyeyi Bikira Mariya w’Impanuro Nziza (iyifata mu Burengero Bushira Uburengero bwa Amerika) aca asubira i Chicago gufata iyo nkuru ku wa 8 Ntwarante mu 1999.

Mu mwaka wi 2000, yaremeye ko James Ray, umupadiri yagirizwa guhohotera abana kandi yari afise amategeko agenga ivy’uburagiriro kuva mu 1991, aba mu kigo ca St. Jean Ray yari ng’aho. Yarimuriwe mu yindi nzu mu mwaka wi 2002 igihe amategeko y’ishengero yariko arakomera cane ku bijanye n’abapadiri bagirizwa guhohotera abana. Mu mwaka wi 2001, Papa Léon XIV kuba uwutwara uwo muryango w’aba Augustiniens mu kiringo c’imyaka itandatu, asubirwamwo mu mwaka wi 2007. Kuva mu mwaka wi 2013 gushika mu mwaka wi 2014, Papa Léon XIV yarabaye umuyobozi w’inyigisho mu kigo ca Saint Augustin i Chicago

Umusenyeri w’i Chicago.
Ku wa 3 Munyonyo mu 2014, Papa Fransisko yamugize umuyobozi w’intumwa muri Diyoseze ya Chiclayo, akaba n’umusenyeri w’i Sufar. Yashizweho ku wa 7 Munyonyo mu 2014, aronka ubuspiskopi ku wa 12 Kigarama, avuye mu maboko  w’intumwa wo muri Perou, James P. Green. Ku wa 26 Nzero 2015, yashinzwe kuba Umusenyeri wa Chicayo. Ku wa 13 Nyakanga mu 2019, Papa Léon XIV kuba umunyamuryango w’Ishengero ry’Abakuru b’Idini. Kuva ku wa 15 Ndamukiza mu 2020 gushika ku wa 26 Rusama mu 2021, yari umuyobozi w’intumwa muri Diyoseze ya Callao Pérou, ku wa 21 Munyonyo mu 2020, Fransisko yamugize umunyamuryango w’Ishengero ry’Abepiskopi.

Robert Francis Prevost yiswe LéonXIV ahejeje gutorwa.

Mu mabanga yandi yo hejuru. 

Mu nama y’abepiskopi yo muri Peru, yarabaye umuyobozi wa kabiri, yicara mu nama idasanzwe ihoraho, kuva mu 2018 gushika mu 2023. Muri 2019, Papa Léon XIV yatowe kuba umukuru wa komite y’uburezi n’umuco. Ku wa 1 Ntwarante mu 2021,  yakiriwe mu nama y’ibanga na Papa Fransisko, ivyo bikaba vyatumye habaho ibiharuro vy’uko azoba afise igikorwa gishasha, i Chicago canke i Roma.Ku wa 30 Nzero mu 2023, Fransisko yamugize umukuru w’Ishengero ry’Abepiskopi, akaba n’Umukuru wa Komisiyo y’ Abapapa y’Amerika Latini, afise izina ry’icubahiro ry’Umusenyeri Mukuru w’i Chiclayo. Muri ivyo bikorwa, asubiriye Kardinali Marc Ouellet, uno akaba ashitse ku myaka y’ubukure, akaba ari we yidoga ko bamusambanya. Azotangura ubutegetsi kw’igenekerezo rya 12 Ndamukiza.

Amabanga y’ Umukaridinali.
Papa Fransisko yamenyesheje muri Nyakanga mu 2023 ko afise umugambi wo kumugira umukaridinali mu gihe c’inama ya consistory yo ku wa 30 Nzero 2023,  kuri uwo musi, yararonse izina ry’icubahiro ry’Umukaridinali w’Umudiyakoni w’i Santa Monica. Ku wa 6 Ruhuhuma 2025, Papa Fransisko yamushize hejuru mu rwego rwa kardinali-musenyeri, amuha Diyoseze y’i Albano yo mu gisagara.

Papa wa Ekleziya Katolika.
Ku wa 8 Rusama 2025, yatowe kuba Papa akurikije amatora ya kane y’iyo nama. Afata izina rya Leo XIV, abonetse ubwa mbere yambaye impuzu za Papa Benedigito wa XVI na Papa mweranda Yohani Paulo wa II.

Related posts

Zelensky : ‘’Ntibashobora gufata igisagara Bakhmut tugihari’’.

Yvan Manager

Uwuzotanga amakuru yo gufata umukuru wa ADF, Amerika izomuha imiriyoni 5$.

Yvan Manager

RDC : BASABA UMUKURU W’IGIHUGU GUSHIRA IMBERE IBIGANIRO

Buja Media

Leave a Comment