Mumahanga

Congo: Abantu 31 barapfuye,145 barakomereka mu misunikano bashaka kwiyandikisha mu gisirikare.

Urwaruka rushika 31 barapfuye bahitanwe n’imisunikano abashika 145 barakomereka yabaye kruy wa mbere igihe bariko baariyandikisha urwaaruka rwo muri mu gihugu kibanyi ca Kongo bashaka kwinjira mu gisirikare, reta ya Kongo yashizeho ikigandaro mu gihugu cose kugira babibuke, reta yaho yabitangaje uyu mnsi wa gatatu igenekerezo rya 22 Munyonyo, yemeye yuko izobavuza.

 

Nkuko biri mw’itangazo ryagiye ahabona reta ya Kongo ibicishije kubiro vy’ubushikiranganji vya mbere biriko birakurikirana ico kibazo vyemeye yoko bazofata mu minwe ibizokenerwa vyose m gusezera irya nyuma abahasize ubuzima li kibuga c’umupira w’amaguru Ornado. Ikindi kiri muriryo tangazo nuko bagiye kwihutira kurondera icatumye iryo sanganya ihaba, kuruhande rw’igisirikare baciye bahagarika ibikorwa vyo kwiyandikisha.

Mwomenya yuko abantu bico gihugu 42 kw’ijana batagira ubuzi bafatiye ku cigwa cakozwe n’ibanke y’isi abandi bakurikirana hagufi uko ubuzima abanyagihugu babayemwo muri kongo basanze urugero rw’ubushomeri buri hejuru cane, Kongo ni igihugu gifise ubutunzi bwinshi mu butaka bwaco, ariko kikaba gifise abanyagihugu bangana n’imiriyoni zitanu n’ibice 6 bageramiwe n’ubukene.

Related posts

BAL2025: Boissy yatsinze amanota 111,aba umukinyi wa mbere atsinze menshi kurusha abandi.

Yvan Manager

Ali Bongo aridegemvya afise n’uburenganzira bwo kuja kwivuza hanze.

Yvan Manager

Imyaka 50 ishirahamwe CEDEAO ribayeho.

Yvan Manager

Leave a Comment