Inkino

Lionel Messi yatwaye Ballon d’Or igira umunani.

Lionel Messi, umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaguru wo mu gihugu ca Argentine, yaratsindiye akandi gashimwe k’umupira w’inzahabu kagira ak’umunani k’umukinyi wa mbere kw’isi w’uyu mwaaka w’i 2023. Yakaronkeye i Paris, mu Bufransa.Lionel Messi yatsindiye ako gashimwe kagira ak’umunani inyuma y’uko afashije igihugu ciwe ca Argentine gutsindira igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru muri Katari mu mwaka urangiye w’i 2022.

Ibindi bihe yatsindiye ako gashimwe hari mu myaka y’i 2009, 2010, 2011, 2012, 2015, 2019 no mu 2021. Igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru ni co gikombe atari bwatsindire mu buzima bwiwe bw’umukinyi w’umupira w’amaguru.

Lionel Messi, afise imyaka 36, yarangije mu kibanza ca mbere imbere ya Erling Haaland, umukinyi w’umusatirizi mu murwi w’umupira w’amaguru wo ku rwego rw’icicaro ca mbere, Manchester City, wo mu Bwongereza, na Kylian Mbappe, bahoze bakinana mu murwi Paris-Saint-Germain wo mu Bufransa.
Messi yarashimiye umumenyereza mukuru w’umurwi nserukiragihugu wa Argentine, abo bakinana muri uwo murwi n’abakozi bawo kuba batumye atsindira agashimwe k’umukinyi wa mbere kw’isi w’uyu mwaka w’i 2023.

Yavuze ko anezewe cane no kuba yatsindiye ako gashimwe. Yatangaje ko ari iteka atazokwigera yibagira. Yavuze ko gutsindira igikombe c’isi yose ari co kintu batari bwashikeko. Yahaboneye akaryo ko gushimira abantu bose bafashije gutuma igihugu ciwe gitsindira igikombe c’isi yose co mu mwaka uheze w’i 2022.

Related posts

RÉAL MADRID vs BARCELON: NINDE AFISE MAHIRWE YO GUTSINDA ?

Buja Media

Imirwi 4 yaronse uburenganzira bwo gukina igice ca kabiri.

Buja Media

NANI MKHARI 2023: Young Sisters iratahukanye igikombe.

Buja Media

Leave a Comment