Mumahanga

Joe Biden yasavye ibindi bihugu bacuditse kubandanya bafasha Ukraine.

Joe Biden Umukuru wa Reta zunze Ubumwe bwa Amerika yarahamagaye abategetsi b’ibihugu bicuditse na Amerika nab’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya, ishirahamwe OTAN kugira abahumurize ko igihugu ciwe kizobandanya gushigikira Ukraine ivyo yabishikirije uyu munsi wa kabiri igenekerezo rya 3 Gitugutu. Iyo nkuru yatangajwe n’ibiro vyiwe. Ni mu gihe hari utwigoro two guhumuriza abo bategetsi ko Amerika izobandanya gushigikira Ukraine. Joe Biden ashaka gushikiriza ubwo butumwa, naho bamwe mubasagiye ivyiyumviro mu mugambwe wa ba Republikani ya Amerika bariko baradadaza.

Joe Biden abishikirije  mu gihe abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya bariko babonanira ku murwa mukuru wa Ukraine, Kiev. Bariko berekana ko bashigikiye bivuye inyuma Ukraine mu gihe gihambaye cane c’ingwano muri ico gihugu. Nkuko ayo makuru tuyakesha ikinyamakuru NBC, akamo Joe Biden yateye abo bategetsi bose ku murongo ngendanwa kabaye inyuma y’uko amasezerano yo gutuma reta itugara imirimo yayo yapfunditswe. Vyatumye haba amazinda ku mfashanyo ya Amerika igenewe Ukraine muri kazoza, mu rugamba rwayo rw’ukwivuna Uburusiya.

Abategetsi Joe Biden yateye akamo barimwo ab’ibihugu vya Canada, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubuyapani, Polonye, Romaniya n’Ubwongereza. Harimwo kandi umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubufransa, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe OTAN, Jens Stoltenburg, n’abategetsi b’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya yabasavye kwongereza utwigoro twabo two gufasha Ukraine.

Related posts

Ruto yipfuzako Abanyafrika bokwinjira muri Kenya batarinze gusabwa Visa mu 2024

Yvan Manager

Prigozhin umukuru w’ingabo za Wagner bamushinguye.

Yvan Manager

Uwuzotanga amakuru yo gufata umukuru wa ADF, Amerika izomuha imiriyoni 5$.

Yvan Manager

Leave a Comment