Politike

Umushikiranganji w’Amagara y’Abantu mushasha ninde?

Muganga Liduine Baradahana yaciyeko kugira agere aho aba umushikiranganji w’amagara y’abantu Dr Liduine Baradahana ni rimwe mu mazina ahejeje gutangazwa mu bashikiranganji bane bagiye kwinjira muri Reta y’Uburundi. Twaciye tugerageza gutohoza kugira tumenye abo bagiye kuba abashikiranganji abaribo nico bamaze. Twasanze Muganga Liduine Baradahana avuka mu ntara ya Bujumbura akaba yize igisata c’ubuganga muri kaminuza y’Uburundi.
Image
Muganga Liduine Baradahana aramutsa Umukuru w’Igihugu ahejeje kurahira.(Foto: Ntare House)
Mu mabanga yiwe mu gisata c’amagara y’abantu yagiye araduga uku gukurikira:
1/ Yarabaye umuganga ku bitaro vya Butezi;
2/Muganga-muyobozi w’ibitaro vya Butezi;
3/ Muganga Muyobozi w’intara y’ubuvuzi ya Ruyigi;
4/ Icegera c’umuyobozi ajejwe gutunganya ivyo kuvura (service des soins) mu bitaro Roi Khaled;
 5/ Umuhanuzi mu biro vy’umuyobozi mukuru mu Bushikiranganji bw’amagara y’abantu;
6/  Umuyobozi mukuru w’Umugambi w’Igihugu ujejwe kugwanya malaria;
7/ Icegera c’umuyobozi mukuru w’umugambi w’igihugu ujejwe kugwanya malaria;
8/ Uwujejwe (responsable) igisata c’imfashanyo z’ikigo mpuzamakungu Fonds Mondial ku mugambi w’igihugu ujejwe kugwanya malaria;
9/  Uwukurikiranira hafi ibikorwa n’impinduka bizana (suivi-évaluation);
10/ Umuhinga yigenga (consultant indépendant) ku migambi ijanye n’amagara y’abantu mu bihugu vya Mali, Niger, Gabon hamwe n’ahandi.

Related posts

Igihugu ca Somalie cemerewe kwinjira mu muryango wa EAC.

Yvan Manager

Abatowe gutwara intara 5 zishasha mu mugambwe CNDD-FDD.

Yvan Manager

Abatari bake bakeje Angeline Ndayishimiye agiye gutwara Ishirahamwe MIPREDA.

Yvan Manager

Leave a Comment