Ubutunzi

Muramvya:Buramatari yarishe imifuko 290 y’isima yononekaye iri mu bubiko.

Imifuko 290 y’isima yo kubaka yononekaye niyo Buramatari w’intara ya Rutana yarishe inyuma yo gutegekwa n’Umukuru w’Igihugu hari ku wa 19 Myandagaro 2023, aragize urugendo atateguje ku kibuga i Muramvya isanzwe iriko irasanurwa haraciye igihe itaguye kwubakwa nkuko ayo makuru tuyakesha urubuga rwa Twitter rw’ibiro vy’ Umukuru w’ Igihugu.
Umukuru w’Igihugu E. Ndayishimiye ariko arakarira buramatari wa Muramvya (Photo: Ntare House)
Niho Umukuru w’ Igihugu yasanga hari imifuko y’isima igera ku 290 yari yatanzwe muri Nyakanga 2022 yatanguye kwononekara kuko itari bwakoreshwe. Nk’uko tubikesha urubuga twitter rw’ibiro vy’ Umukuru w’igihugu, Buramatari wa Muramvya yaciye asabwa kuriha imifuko y’isima yononekaye kandi yari gukoreshwa mu bikorwa vy’iterambere.
Ikibuga kiriko kirubakwa mu ntara ya Muramvya (Photo: Ntare House).
 Urwo rubuga nyene rwaramenyesheje kuri uyu wa 22 Myandagaro 2023, ko Buramatari yarishe mu kigega ca Reta amafaranga akwiranye n’imifuko yononekaye. Umukuru w’igihugu akaba ahamagarira indongozi kwama bitwararika ivyo bategerezwa.

Related posts

N.Gervais ahamagarira abenegihugu kubika amahera muri Twikangure Microfinance, bakayakura mu mazu.

Yvan Manager

Ibiciro vy’ibitoro vya Essence na Mazout vyagabanutse, Pétrole iraduga.

Yvan Manager

Igitoro cadugijwe igiciro mu Burundi

Yvan Manager

Leave a Comment