Ibigezweho

Canal + yabazaniye utuganuke kubakunzi bayo.

Ishirahamwe ridandaza amasanamu Canal + ikorera mu Burundi ryashinze ahabona iminsi yo gutanga ubuganuke ivyo bise mu gifaransa “Festival des Cadeaux” kubantu bose bazogura amashene kuva igenekerezo rya 25 gushika 30Rusama bakazornka ubushimwe butandukanye  harimwo kuronka amahirwe yo gutsindira umwaka wose araba kubuntu.


Nkuko vyashikirijwe n’uwujejwe ubudandaji muriryo shirahamwe, intumbero yabo niyo kugira banezereze abanwanyi babo bakazobaha ubuganuke butandukanye harimwo umwaka wose uraba kubuntu, amezi atatu, imipiri yo kwambara, inkofero, imfuguruzo ryo kugurura ibinyobwa. Iryo higanwa rikazoza riraba kundwi kundwi rikazotagura ukwezi kwa Ruheshi kose.

 Kugira  ushobore kuronka ayo mahirwe, uwuzogura ama inite iminsi yiwe yamuheranye (Reabonnement) canke uguze ku murwi warusanzwe ufise bazoca bamuha kuraba amashene yose iminsi 15 (Tout Canal). Bikazorangira igenekerezo rya 30 Rusama.

Related posts

E. Ndayishimiye yahaye umubonano Umunyamabanga Mukuru wa ONU imbere yuko inama igira 11 itangura.

Buja Media

Kenya:Umuririmvyi Jaguar bamugenye kuba umunyamabanga ashinzwe ivy’intwaro mu bushikiranganji bw’urwaruka n’inkino.

Buja Media

Ivyaranze bikuru bikuru indwi yo kuva 18 gushika 24 Nyakanga mu Burundi.

Buja Media

Leave a Comment