Imyidagaduro

Bujumbura: Hateguwe ibiteramo vyo kwibuka Bob Marley.

Hatunganijwe ibiteramo bitandukanye vyo kwibuka umuhisi Bob Marley ,bateramisha abakunzi buwo mudiho uri mu bwoko bwa Reggae, nkuko twabibonye ahatandukanye. Ni mugihe umuririmvyi Bob Marley yaririmvye indirimbo zitanduanye, zirimwo ubutumwa bwubaka mu guhuza abantu, gutanga imbabazi n’ibindi. Bob Marley haciye imyaka 42 yitavye Imana.

 

Umwe mu bateguye kimwe murivyo biteramo ni Cédric Bangy atwara Coopérative des Musiciens  du Burundi. Yabwiye Buja Fm yuko bateguye ivyo biteramo kugira bashigikire ivyiyumviro vyubaka uwo mwami w’umudiho wa Reaggae yasigiye abantu. Ico giteramo kiza kubera muri zone Nyakabiga ku kabare bita Jackmart Bar benshi bakunda kwita kwa Docteur, haza kuba hari abakunzi buwo mudiho  hamwe na DJ Happy.

Mu bunwero Guera Plaza buri muri zone Kamenge, bateguye igiteramo bise Fiesta Night, aho umuririmvyi Vichou Love aza kuririmbira abatari bake narirya ako kabare gaheruka gusubirwamwo. Bahinduye ibitari bike, uyu musi kakaba kari kurundi rwego mu bunwero  bwo ngaha mu gisagara ca Bujumbura.

Bamwe mubari mu murwi Buja Sans Tabou, bateguye nabonyene igice ca 5, bibuka uwo muririmvyi Bob Marley, bigatagura isaha zibiri z’ijoro ku masaha yo ngaha iwacu.

Murico gikorwa haza guhura abantu bose bari mu gisata c’umuziki haba abaririmvyi, abahinyanyuzi canke abakora umuziki bose baba ngaha mu gihugu. imbere yuko bibuka Bob Marley baraza kuvugana ukuntu boshiraho akarusho karenze kakazanana n’ibintu bishasha murico gisata c’Umuziki.

 

Related posts

Festival Canal Comedy Buja 2023: Izokwerekanwa igenekerezo rya 28 Rusama 2023 kuri Canal 22 isaha 18h45 kw’isaha yo mu Burundi.

Yvan Manager

Ubushikiranganji bwo kumenyeshamakuru bwatanze ibikoresho kubinyamakuru.

Yvan Manager

Léonce Ngabo, Ednaky, Masterland na B Face bavuze iragi Saïdi Brazza abasigiye.

Yvan Manager

Leave a Comment