Imibano

Igenekerezo rya 8 ntwarante, ni umusi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi.

Ibirori vyo guhimbaza uwo musi vya bereye mu ntara ya Cibitoke ku kibuga Urunani ca komine ya buganda bitewe iteka n’Icegera c”Umukuru w’Iguhugu c’ Uburundi ku civugo kivuga kiti: ‘’Uruhara rw’ indongozi mw’ iterambere ry’ ubuhinga ngurukana bumenyi ridakumira.’’
Icegera c’Umukuru w’Iguhugu yaserukiye reta arikumwe n’umushikiranganji wa mbere.
Ibirori vyatangujwe n’idefire y’abakenyezi bava mumihingo yose y’ igihugu isozerwa n’abakenyezi bahurikiye mu nzego zo kw’ivuna abansi n’ umutekano.
Nyakubahwa Ir BAZOMBANZA Prosper mw’ ijambo ryiwe yabanje gutanga indamukanyo za nyenicubahiro umukuru w’ igihugu cacu.
Yashimye cane ko hari intambwe zimaze guterwa turavye ejo haheze kuko ubu hasigaye haragabanutse ubuhemu kuko aho umuntu ahagaze hose arashobora gukoresha terefone akaronka amahera canke ibikorwa bigakorerwa kw’i terefone, yongeyeko ko Ishirahamwe regideso rifise umwitwarariko wo kugeza umuyagankuba muma komine yose kugira ngo umuyagankuba ukwire hose mu ntumbero yo gushira mu ngiro ca civugo.
Gukoresha ubuhinga ngurukana bumenyi biraduza umuvuduko w’ iterambere ry’ igihugu arico gituma yahamagariye abakenyezi n’abarundi bose kwijukira ubwo buhinga cane nko murudandaza ariko babukoreshe bisunze imico n’ imigenzo igihugu cacu kigenderako kuko naho ubwo buhinga ari bwiza ni nk’ imbugita y’ uburyi bubiri, asaba ko atawosigara inyuma yongera atera akamo abakenyezi kwiyungura ubwenge mu gukoresha ubwo buhinga mu kwiteza imbere.
Emerence BUCUMI, arongoye ihuriro ry’ abakenyezi.
Uworongoye ihuriro ry’ abakenyezi Emerence BUCUMI yashimiye Reta kutwigoro twinshi yashize mungiro two gushigikira abakenyezi aho yagarutse kumuhuza w’ abarundi w’ umukenyezi, ibanki ifasha abakenyezi n’ ibindi.
Hakaba hanatanzwe n’ udushimwe kubakenyezi bitanze kurusha abandi mubikorwa vy’ iterambere.

Related posts

Igikorane “Connect Africa Conference 2023” cahagaritswe n’ubushikiranganji bukurikirana ivy’amashengero.

Yvan Manager

Ihindagurika ry’ibihe ni inzitizi kw’iterambere rirama.

Buja Media

Umugambi PRRPB watanze inka 270 ku benegihugu bo mu ntara ya Kayanza.

Yvan Manager

Leave a Comment