Umukinyi wa “Ninde” Adrienne Nahimana yarahawe amahigwe adasanzwe yo kuvuzwa ubu amagara yiwe akazokurikiranwa kubijanye n’uburyo umugambwe CNDD-FDD biciye mu muhari w’abakenyezi b’abakenyererarugamba inyuma yo kurwara bikomeye, uwo mugambwe umenyesha yuko waciye ufata mu minwe ibijanye no kuzomuvuza, bakamenyesha yuko ubu atawurekuriwe kumufotora kugira akoreshe amasanamu yiwe ivyo ashatse kubera atanakimwe abuze cotuma atavurwa uko yipfuza. Umugambwe CNDD-FDD wamwemereye kuzomukurikirana gushika akize, kuruyu wa Kane igenekerezo rya 19 Gitugutu 2023 mu bitato Umwami Khaled.

Nayo Adrienne Nahimana yashimye cane uwo mutima bamweretse wo kumuserukako, ati : « Iyo ataba uwo mugambwe, ubu mba narapfuye n’imva yaje iba yaramezeko ivyatsi. Agatongo abana banje basanzwe bifashisha kaba karagurishijwe kugira mvurwe kandi naho nyene ntiyari gukwira ».

Umuganga Stanislas Harakandi arongoye ivyo Bitaro arashima ukungene umugwayi amerewe ubu agareranije n’uko yaje ameze, kuko yaje ingwara yaramusinzikaje aho atashobora guhagarara, kubona canke kumva ariko ubu ubuzima bwiwe buriko burasubirana.
Goreth Yamuremye agasaba abarundi kureka kwibwa n’abababwirako Adrienne Nahimana akeneye ubufasha. Umuganga Stanislas Harakandi arongoye ivyo bitaro arashima ukungene umugwayi amerewe ubu agareranije n’uko yaje ameze, kuko yaje ingwara yaramusinzikaje aho atashobora guhagarara kubona canke kumva ariko ubu ubuzima bwiwe buriko burasubirana.