Imibano

Adrienne, umukinyi wa Ninde azovuzwa gushika akire n’umugambwe CNDD-FDD.

Umukinyi wa “Ninde” Adrienne Nahimana yarahawe amahigwe adasanzwe yo kuvuzwa ubu amagara yiwe akazokurikiranwa kubijanye n’uburyo umugambwe CNDD-FDD biciye mu  muhari w’abakenyezi  b’abakenyererarugamba inyuma yo kurwara bikomeye, uwo mugambwe umenyesha yuko waciye ufata mu minwe ibijanye no kuzomuvuza, bakamenyesha yuko ubu atawurekuriwe kumufotora kugira akoreshe amasanamu yiwe ivyo ashatse kubera atanakimwe abuze cotuma atavurwa uko yipfuza. Umugambwe CNDD-FDD wamwemereye kuzomukurikirana gushika akize, kuruyu wa Kane igenekerezo rya 19 Gitugutu 2023 mu bitato Umwami Khaled.
Peut être une image de 6 personnes et hôpitalNkuko ayo makuru tuyakesha abari ikinyamakuru Intumwa kimenyesha yuko iyo ngingo yafashwe igihe hari hamaze iminsi bigaragara ko hari abikika inyuma y’uburwayi bwuwo mukinyi Adrienne Nahimana, bagafata ifoto yiwe bagaca batangura guterereza amafaranga atanamushikira.
Nayo Adrienne Nahimana yashimye cane uwo mutima bamweretse wo kumuserukako, ati : « Iyo ataba uwo mugambwe, ubu mba narapfuye n’imva yaje iba yaramezeko ivyatsi. Agatongo abana banje basanzwe bifashisha kaba karagurishijwe kugira mvurwe kandi naho nyene ntiyari gukwira ».
Peut être une image de 1 personne et sourire
Umuganga Stanislas Harakandi arongoye ivyo Bitaro arashima ukungene umugwayi amerewe ubu agareranije n’uko yaje ameze, kuko yaje ingwara yaramusinzikaje aho atashobora guhagarara, kubona canke kumva ariko ubu ubuzima bwiwe buriko burasubirana.
Goreth Yamuremye agasaba abarundi kureka kwibwa n’abababwirako Adrienne Nahimana akeneye ubufasha. Umuganga Stanislas Harakandi arongoye ivyo bitaro arashima ukungene umugwayi amerewe ubu agareranije n’uko yaje ameze, kuko yaje ingwara yaramusinzikaje aho atashobora guhagarara kubona canke kumva ariko ubu ubuzima bwiwe buriko burasubirana.

Related posts

Igenekerezo rya 8 Ntwarante yabayeho gute?

Yvan Manager

Alice, yavyaye umwana agendana uburwayi bw’ubumuga.

Buja Media

Igikorane “Connect Africa Conference 2023” cahagaritswe n’ubushikiranganji bukurikirana ivy’amashengero.

Yvan Manager

Leave a Comment