Inkino

Umurundi akina muri ligue 1 mu Bufaransa.

Youssouf Nyange mu kiganiro imbere y’urukino Nice ihura na Auxerre
” Ntabakinyi benshi b’abarundi baza gukina ku mugabane wa buraya, nanje n’amahirwe naronse yo gukina mu mugwi ukomeye nka #OGCNice, kuba ndi ngaha rero abantu babona Uburundi .
Nshaka kwandika amateka yanje ngaha kugira n’umurundi wese azoza ngaha ( France) bize bimworohere .
Ni vyinshi ntegerezwa gukora kugira mbandanye ntera imbere kuko ku bwanje sindaja mu bihe vyiza kuko nzi ico nshoboye ariko kubw’umwanya n’ukumenyera nzobigerako .”
Umumenyereza wa Nice Didier Dugard yavuze ko Youssouf Nyange n’umwana mwiza (beau bébé), amuha guhindura imikenyuro y’urukino kandi ko akomeye ku mipira y’imiterekano( Coup-franc, corners) kandi ko afise umupira ku kirenge ( technique) akaba ata makosa menshi akora canke atakaze imipira .

Related posts

Vision FC izoshobora kugumana ikibanza ca mbere kuriyi ndwi igira 10?

Buja Media

Bamwe mu bakinyi b’Intamba mu Rugamba bamaze gushika muri Cameroun

Buja Media

Ihiganwa mpuzamakungu yo gusiganwa n’imiduga mu ntara ya Ngozi.

Buja Media

Leave a Comment