Imibano

Alice, yavyaye umwana agendana uburwayi bw’ubumuga.

Turetse ko abandi bigeme batarubaka bagira ingorane iyo bibarutse n’ubwo biba vyagenze neza, Alice we yagize ikirikora avyara n’umwana atameze neza ariko amubera umuvyeyi w’igitangaza n’aho yari akiri muto cane.
Mu ntahe y’umwigeme Alice Bigirimana yaciye kuri imwe mumboneshakure zica kubuhinga ngurukanabumenyi, Alice arigana umusaraba yikoreye igihe yibarutse umwana wiwe Pac.
Umwigeme Alice yibarutse akiri muto cane aza kumenya n’uko afise imbanyi imaze amezi ane. Yaragize ibibazo mumuryango mugihe babimenya agira n’ingorane zuko uwo bavyaranye bari bakiri bato hataragera kwubaka.
Uyu mwigeme yahavuye abona ko ubuzima bumuhindukanye araheza afata ingingo nk’umuntu akuze, ahagarika amashure kugira ahangane n’ivyo bibazo vyari bimushikiye.
Abarundi nibo bayamaze bati “Uwo ivyago vyagiye n’ivyatsi ntibimubisa inzira.” Acibaruka yibarutse nk’abandi, ariko ashikanye umwana ntiyarize, mbere bakamubwira ko atameze neza n’ubwo we yagerageza kuvyirengagiza, abandi bakamuremesha ko bizohera.
Umwana uko haca iminsi niko vyagenda vyibonekeza ko atameze neza, aragerageza kwiruka hose kugira arabe ko yotabariza umwana, arashika no mukigo c’abarwayi b’ingwara zo mumutwe aho bita kwa Lengeti, barapima umwana bamubwira ko atakibazo na kimwe afise kijanye n’ingwarwa zo mumutwe.
Alice yahavuye afashanya n’uwo bavyaranye bajana umwana mubigo bitari bike gushika aho baronka ikigo c’i Gitega aho bita kumutwenzi, ahasanzwe hafashirizwa abana nk’abo, gushika ubu umwana akaba ariyo afashirizwa agataha rimwe na rimwe mukaruhuko.

Mukiyago Alice yagiranye n’urubuga Nagaciro buca aja kuraba umwana wiwe i Gitega, yaratumenyesheje ko akunda umwana wiwe bikomeye, aratuyagira uko umwana wiwe ahura n’ingorane z’abantu badatahura uburwayi bwiwe ndetse n’abana bacokoza umwana wiwe kubw’ingwara afise, ibituma we aca ategerezwa kumubera vyose kugira umwana ntate ivyizigiro vyo kubaho.
Alice ni umuvyeyi akunda umwana wiwe cane kuburyo butangaje ivyo n’abamuzi bashingira intahe. Uku guhitamwo kuba umuvyeyi w’akarorero w’umwana yavutse muburyo butateguwe mbere akavuka afise ikibazo c’ingwara, gutuma abamubona ahatari hake nko kumasanamu canke mukibano bumva bamwishimiye kubutwari bwiwe.
“Ukwitaho abana nk’aba bituma umwana yumva akunzwe agakunda n’uwumuha urukundo gutyo ntase n’uwatawe” niko Alice yabandanije atwiganira, yongera atubwira ko hari abavyeyi iyo bibarutse abana nk’aba babanyegeza hakubafasha muburyo bushoboka bwose.
Umwana wiwe ntavuga ivyo ushobora kwumva canke ngo agire ubwenge bukwiye gose nk’abakomeye, ariko arafise ubutari buke n’ubwo hari akabuze. Umuvyeyi wiwe Alice yaragize amahitamwo, ahitamwo kuba umuvyeyi w’akarorero ibi bigatuma umuhungu wiwe yama anezerewe afise ibitwengetwenge kuko amwitaho nk’uko abandi bana bose bitabwaho.
Twobamenyesha ko uyu mwigeme amaze kwibaruka agahagarika amashure, harageze igihe asubira kw’ishure mbere akaba yarahejeje na kaminuza.
Page : Nagaciro

Related posts

Angeline yagendeye umuvyeyi bashatse kwica kugira bamutware itongo.

Yvan Manager

Igenekerezo rya 8 Ntwarante yabayeho gute?

Yvan Manager

N’akahe karusho ko kuganira k’ubuhinga bwo kunywanisha urwaruka mu kibano?

Yvan Manager

Leave a Comment