Inkino

Handball: ‘’Dusavye abarwizatunga na reta bazodushigikire mu buryo’’.

Uwurongoye ishirahamwe rya Handball mu Burundi (FEBUHAND), Nikobamye Daulphin yakiranye n’umunezero kuba babashize mu mw’itsinda H mu nkino z’igikombe c’isi bagiye kujamwo, irya mbere kuva muri kahise Uburundi bubayeho mururwo rukino.

Abamenyeshamakuru ba BujaMedia, bamaze kubona iryo tsinda, barondeye uwurongoye ishirahamwe ‘’ Twakiriye neza kuduhuza nivyo bihugu, tuzoshobora gukina kuko bose baza bafise inguvu zo gutsinda, ntabwoba baduteye kuko twataguye kubakurikirana uko bakina kuri Youtube. Twebwe twarataguye kwitegura ku bikorwa vy’ubuhinga,atagihindutse tuzokina inkino za kivandimwe igenekerezo rya 1 ndamukiza 2023 n’Urwanda n’izindi tuzobamenyesha’’

Ku bijanye n’uburyo bikunda kugora amashirahamwe nubwo baronse bakaburonka umwanya wanyuma hariho ibimaze kwononekara, Daulphin Nikobamye: ‘’Duteye akamo abakunzi, abarwizatunga na reta kuzodufasha mu bijanye n’uburyo bw’amafaranga FEBUHAND itoshobora kwishoboza yonyene kugira tuje guhangana nivyo bihugu vyo ku mugabane w’Aburaya’’.

Umurwi wa Brothers Team.

Ivyo biruko mu gihe FEBUHAND yaheruka gusozera inkino zo kurwego rw’ igihugu, umurwi Brothers na Sisters aribo batsinze.

Related posts

Primus Ligue: Aigle Noir iracari mu kibanza ca mbere kundwi ya 24.

Buja Media

Flambeau du Centre iraganije, Aigle Noirs yatakaje amanota 3.

Buja Media

Ihiganwa mpuzamakungu yo gusiganwa n’imiduga mu ntara ya Ngozi.

Buja Media

Leave a Comment