Inkino

Volleyball: ASB i set 3-1 Rukinzo muri final.

Umurwi wa ASB niwo watahakanye igikombe mw’ihiganwa ryo kugurura umwaka w’inkino 2022-2023 mu mupira w’amaboko Volleyball, utsinze umurwi wa Rukinzo kuma set 3 kuri 1 ku ruhande rw’abagabo. babaha ibahasha ry’ibihumbi 500 hamwe n’igikombe.

ASB yatahukanye igikombe inyuma yaho  ku musi w’ejo uheze, wari watsinze BUN, i set 3 ku busa, Rukinzo nayo mu gice ca kabiri gishira ica nyuma yari yatsinze Bisoro i set 3 kuri 1.

ASB ifise igikombe, n’ibahasha.

Uwutwara ishirahamwe rya Volleyball mu Burundi Serges Ntakavura arashimishwa n’urugero imirwi igezeko, abona ko ihiganwa ryataguye rizoba ryiza kurusha iry’umwaka uheze.

Mwomenya ko Rukinzo naho yatakaje itsinzi imbere ya ASB, Rukinzo yaheruka gutsinda ASB mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mw’ihiganwa ry’igihugu umwaka uheze.

Related posts

Dynamo BBC yatwaye Play Offs 2025.

Buja Media

Inkino, akaranga n’ikiyango, vyarahuje abarundi bava mu bihugu 9.

Buja Media

Kylian Mbappé abuze mu bakinyi 10 ba mbere bahembwa cane kw’isi.

Buja Media

Leave a Comment