SAT-B na Natacha baserukiye u Burundi mu mahiganwa ya HiPipo Music Awards 2026

Abaririmvyi babiri b’Abarundi, Natacha na SAT-B, ni bo bazoserukira u Burundi muri HiPipo Music Awards 2026, aho batowe mu mugwi wa East Africa Best Act/Song.
Natacha Burundi yatowe biciye ku ndirimbo yiwe “Mpinzira”, mu gihe SAT-B we yatowe biciye ku ndirimbo yiwe “Tel Aviv”. Ivyo bituma u Burundi bugira abahiganwa babiri muri uwo mugwi uhiganwamwo abanyamuziki bakomeye bo muri Afrika y’Ubuseruko.
Ku ruhande rwa Natacha, si ubwa mbere yitabira canke atahukanye ubushimwe bwa HiPipo. Mu mateka , Natacha yarigeze gutahukana agashimwe ka “East Africa Super Hit” biciye ku ndirimbo “Pakuchena”, mu gihe kandi yigeze gutsindira na Africa Fans Favorite Fresh Talent.
Ibi bituma Natacha asubira kuri muri aya mahiganwa abera muri Uganda afise amateka akomeye, ubu akaba aserukiye u Burundi biciye ku “Mpinzira”, mu gihe SAT-B nawe ariko arondera kwandikisha izina biciye kuri “Tel Aviv”.
HiPipo Music Awards 2026 ni ihiganwa rya 15 ry’ugushimira abanyamuziki , ryisunga ku kwerekana no guha agaciro abanyamuziki, indirimbo n’abagize uruhara mu guteza imbere umuziki muri Uganda, Afrika y’Ubuseruko no muri Afrika muri rusangi. Gutanga ubushimwe bitegekanijwe ku wa 13 Munyonyo 2026 muri Kampala Serena Hotel, Uganda.
