MuburundiPolitike

Varisito Ndayishimiye uko yakiriwe ashitse Serbie.

Umukuru w’Igihugu yakiriwe  na Ivica Dačić icegera c’Umushikiranganji wa mbere kandi akaba n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu arikumwe na Tamara Vučić umutambukanyi w’umupfasoni w’Umukuru wico gihugu kuwa 11 Ntwarante ku kibuga c’indege gikuru Nikola Tesla co mu gisagara ca Belgrade mu gihugu ca Serbie, yitavye ubutumire bwa mugenzi Aleksandar Vučić. Varisito Ndayishimiye yagiye ajanye n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu ambasaderi Albert Shingiro.

Image
Varisito Ndayishimiye nabo barikumwe bakirwa ku kibuga c’indege muri Serbie (Photo: Ntare House).

Yashitse kurico kibuga isaha imwe ku masaha yico gihugu ariko hari isaha zibiri z’igitondo y’ibujumbura nkuko tubikesha imboneshakure y’igihugu. Kuva aho ku kivuga c’indege gushika aho yashikiye ku nkengera z’ibarabara hari amabendera y’Uburundi arikumwe naya serbie bibaragara nk’ikimenyetso ciza kiri hagati yivyo bihugu.

Image

Ubucuti bwivyo bihugu 2 bwataguye kuva mu 1962 bafashanya mu bisata vyo kwivuna abansi, indero, ubutunzi ivyubuhinga n’imicokama.

Related posts

Emmanuel Macron yakiriye umumenyeshamakuru Olivier Dubois yanyurujwe haraciye hafi imyaka 2.

Buja Media

Gambie yaratsinze Uburundi, bose baraganya amanota 10.

Buja Media

Academia Deir: Abakinyi 8 bahagaritswe imyaka 5 n’ihadabu yi 10.000.000 ku mukinyi bahorwa gutigira.

Buja Media

Leave a Comment