IbigezwehoMumahangaPolitike

Arielle Kayabaga umushikiranganji mushasha w’intwaro yo hagati mu gihugu muri reta ya Canada.

Umurundikazi Arielle Kayabaga w’ imyaka 34 bahejeje kumwizera mu kumugira umushikiranganji mushasha w’intwaro yo hagati mu gihugu muri reta ya Canada igiye kurongora na Mark Joseph Carney aheruka gutorwa mu mugambwe wa Liberal Party of Canada (PLC) hari mu ntango z’iyindwi turimwo. Arielle Kayabaga bamugize umushikiranganji mushasha  (Leader of the Governement in the House of Commons and Minister of Democratic Institutions) nkuko tubikesha ikinyamakuru Le Devoir.

Arielle Kayabaga: Women of Influence in Local Government Award ...

Umushingamateka Arielle Kayabaga ninde, n’ibiki vyamuranze? 

Arielle Kayabaga n’umunyapolitiki wo muri Canada, yatowe mu matora yo mu 2021. Aserukira intara y’uburengerazuba bwa Londres aserukiye eiyo ntara mu mugambwe wa Liberal Party of Canada (PLC).

Yavukiye i Bujumbura mu Burundi afise imyaka 34, umuryango wa Kayabaga wimukiye muri Canada afise imyaka 11 igihe yari impunzi bivanye n’akahise igihugu caciyemwo, aba i Montréal mu gihe c’umwaka imbere yuko yimukira i Londres muri Ontario. Mu 2013 yaronse urupapuro rw’umutsindo muri kaminuza ya Carleton i Ottawa.  Imbere y’uko atorwa mu nama nshingamateka y’i Londres, Kayabaga yakoze nk’umukozi wo nk’umuhanuzi vy’intara ya Londres no mu micungararo ya Sarnia, Ontario.

Mu 2018, yatorewe kuba mu nama nshingamateka y’i Londres ku myaka 27, aba abaye umwirabure wa mbere wabigize muri kahise k’ico gisagara.  Nk’umuhanuzi i Londres, yararongoye komite nyobozi y’ishirahamwe ry’abakozi ba Reta, maze yicara mu nama nshingamateka.  Mu kwezi kw’icenda 2020, igipolisi c’i Londres catanguje amatohoza inyuma y’aho amakuru avuga ko ibiro vyiwe vyakiriye babahamagara babkubagura.

Imbere y’amatora yo mu 2021 muri Canada, yamenyesheje ko afise umugambi wo kwitoza mu mugambwe “Liberal Party of Canada” mugace ki Londres mu burengero bwa Londres hasigaye iminsi itatu ngo imyiyamamazo y’amatora itangire.  Yatsinze ku majwi 36.8%, asubirira umushingamateka Kate Young.

Related posts

Man City: Amafoto y’ibihe bikuru bikuru yagaragaje umunezero inyuma yo gutsinda Real Madrid.

Yvan Manager

Gabon:Abasirikare bakubise kudeta Ali Bongo amaze imyaka 14 kubutegetsi.

Yvan Manager

BRB: “Uwuzoshaka amahera mvamahanga yose yipfuza azoyaronka”.

Yvan Manager

Leave a Comment