InkinoMuburundi

Interzone Bujumbura ku ncuro igira icenda rigiye gutagura.

Ishengero rya Bonne Evangile rigiye gutunganya ku ncuro igira icenda ihiganwa rihuza amazone 13 agize igisagara ca Bujumbura, iryo higanwa rikazotangura kuva italiki 13/07 gushika kuwa 10/09/2026, rikazobera ku kibuga c’umupira w’amaguru kiri muri zone kinama mu ntumbero yo gufasha urwaruka muribi bihe vy’uburuhuko bigasahiriza mu ndero kandi no mu migambo ya minsi yose iryo shengero rifise ari gufasha igihugu mu gukurikirana urwaruka ntiruje mu bitagira akamaro mu gihe c’uburuhuko. 
Umuvuga butumwa Apotre Jean Claude Nimubona arongoye ishengero rya bonne Evangile, iryo higanwa ko baritunganya muntumbero yo kubwira ejambo ry’Imana urwaruka ruri muburuhuko hamwe n’uguhuza abantu mubutandukane bwabo biciye munkino.
Ikirangaminsi cuko iryo higanwa rizokurikirana.
Mur’ico kiganiro hakaba hari hatumiwe abakorera mu gisata c’umupira w’amaguru, nk’umumenyereza w’umurwi Magara Star, abafise ico bajejwe mu rwego rukuru rw’urukino rw’umupira w’amaguru FFB, rikaba rifashwe mu mugongo n’ishirahamwe Cashtel na Big Land. Urukino rwo kwugurura iryo higanwa ruzokinirwa kukibuga co muri zone Kinama kuwa 13 Mukakaro ni mugihe urukino rwanyuma ruzokinirwa ku kibuga CTN igenekerozo rya 10 Myandagaro.

Related posts

Sada Nahimana atwaye ibikombe vyose mw’ihiganwa rya WT50 i Bujumbura.

Buja Media

Mosso Sugar ifise amahirwe ya 90% yo kuduga muri Primus Ligue Burundi.

Buja Media

FIFA U-17: Intamba mu rugamba z’abigeme zasezerewe zitsinzwe na Côte d’Ivoire.

Buja Media

Leave a Comment