Amagara

Nta Ebola canke umugera wa Marburg urashika mu Burundi.

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 24 Ntwarante 2023, Ubushikiranganji bw’ amagara y’abantu no kurwanya Sida barabeshuje ibimaze imisi bivurwa bijanye n’ umugera wa Marburg umaze gushika mu Burundi ni mugihe hari umunyeshure yaheruka kwitaba Imana muri komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga abonetseko bimwe mu bimenyetso bisa niyo ndwara.

Iryo tangazo rivuga ko inyuma yaho ikigo INSP bakoze ibipimo kuri uwo yitavye Imana hamwe n’aba mwegereye basanze atishwe n’ umugera wa Ebola canke Marburg, ariko amatohoza akibandanya.Ubushikiranganji bwaciye bushira ahabona ingingo zo kwikingira ico kiza c’ inyonko ya Marburg zikurikira ni :

– Gukaraba iminwe n’ amaze meza kenshi gashoboka

-Kwirinda gukora ku muntu afise ibimenyetso

-Kudafungura ibikoko vyo mw’ ishamba atawuzi icavyishe

-Kwirinda gukora ku kiziga c’ umuntu.

Itangazo bashize ahabona Ubushikiranganji bw’ amagara y’abantu no kurwanya Sida.

Ubushikiranganji bwo kubungabunga Amagara y’Abantu no Kugwanya Sida mw’itangazo bavuze ibimenyetso umugwayi ushobora kumumenyerako:

-Ku bushuhe

-Kuyogwa

-Kuvirirana

-Kudakora neza kw’ amafyigo.

Ubushikiranganji nyene bukaba buhumuriza abenegihugu ko atakiza c’ indwara ya Ebola canke Marburg cateye mu Burundi. Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kugwanya Sida bwasavye abenegihugu ko bokurikiza izo ngingo zo kwikingira, kubera ko ico kiza c’umugera wa Merburg camaze kwibonekeza mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya kandi hakaba hari uruja n’ uruza n’ ico gihugu kibanyi.

Related posts

Ingaruka mbi 10 zica mu mutwe ziterwa no kuraba ireresi z’ibiterasoni.

Yvan Manager

Johali yibarutse abana 6, yasohotse ibitaro.

Yvan Manager

Gufungura nabi bisigura iki?

Yvan Manager

Leave a Comment