InkinoMuburundi

PlayOffs 2025: Urunani na Gladiators batsinze Game 2.

Urunani waratsinze umurwi wa Dynamo ku rukino rukira kabiri ku manota 83-75, Gladiators mu bigeme batsinda Les Hippos ku manota  mw’ihiganwa rya Play Offs iriko iraba ku kibuga c’Ubushikiranganji bw’inkino n’imico kama hari kuruyu w’Imana uheze. Urukino ntirwari rworoshe cane ku mpande 2 kuko vyari bigoye kumenya uwuza gutsinda. Imirwi ya Les Hippos na Remesha ku bahungu.

 

 

Urunani bagumye bari imbere mu duce 4 twose (26-15, 46-39, 62-59, 85-76), umurwi wa Dynamo waguma ukurayo amanota biza kuragira Urunani arirwo rutahukanye itsinzi. Umukinyi Landry Ndikumana ariwe kandi capitaine wuwo murwi yatowe kariwe yabaye MVP wurwo rukino atsinze amanota 20, Rebond 5, atanze imipira ivamwo amanota hamwe na Muco Naomie wo muri Gladiators atsinze amanota 21, Rebond 10 , atanze imipira ivamwo amanota 4.

Mwomenya ko uwutahukanye iryo higanwa acaserukira igihugu mu nkino za Road to Bal 2025 zihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyabo.

 

Related posts

Divine Light yashize ahabona indirimbo nshasha yise “Ni Mwema”

Buja Media

Urucanco rwa Malariya rwamaze gushika mu Burundi.

Buja Media

Mondiale 2026: Hasigaye imisi 400 itagure, Mexique iriteguriye kwakira abakunzi benshi cane.

Buja Media

Leave a Comment