Mumahanga

Hiroshi Ichigaya yakoze ikoti yo kwambara ikingira ubushuhe m’ubuyapani.

Ubushuhe butera bwongerekana kw’isi buriko butuma ikoti ryakozwe n’umuhinga Hiroshi Ichigaya rikena cane mu gihugu c’ubuyapani. Ikinyamakuru c’abafaransa mu nkuru yaco yo kuri uyu wa 12 Myandagaro gitangura kivuga ko ikoti ririmwo kimatizeri ryakozwe n’igihugu c’ubuyapani kugira habe ukwikingira ubushuhe burenze bumaze ikinjana n’igice bwibonekeza kw’isi.
Iri koti ririmwo utwuma dutanga umuyaga ryatanguye haraciye imyaka 20 ariko ntiryagurwa uko bikwiye nk’uko iki kinyamakuru kibandanya kibivuga, ariko ubushuhe buriko butangura kuba umurengera muri kino gihe bwatumye ryakoti rironderwa kurugero ruhanitse.
Hiroshi Ichigaya yakoze iyo koti yo kwambara.
Mumwaka wa 2004 niho uwahoze akorera ishirahamwe Sony azwi nka Hiroshi Ichigaya yiyumvira uburyo bwo gutanga akayaga budasaba umucanwa mwinshi. Hiroshi we yavuga ko bidakenewe ko inzu yose yoshirwamwo vya vyuma bikanyisha iyo hashushe, ariko kurema iri koti ritanga akayaga.
Hiroshi Ichigaya yahavuye akora ikoti arishiramwo utu vandirateri tubiri dutoduto twinjiza umuyaga uvuye hanze y’ikoti tukawukwiza mw’ikoti ryose.
Ubu buhinga bwatuma umuntu agira akayaga mw’ikoti yambaye bukongera bugasohora ivyuya n’umunuko wavyo hanze y’ikoti.
Ibi vyose mw’iri koti bishoboka kubera akabateri  gatanga umucanwa, mbere kagashobora kubika umucanwa gushika kumasaha 60, umucanwa wahera ukongera uga charija ikoto ryawe.

Related posts

Umurwi Hamas uvugako wishe umusirikare akomeye wa Isirayeli.

Yvan Manager

Moise Katumbi agiye kwitoza nk’uwuserukira iyindi migambwe yabatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Yvan Manager

Kenya: Abantu 238 bahagaritswe,abapolisi 31 barakomereka mu migumuko.

Yvan Manager

Leave a Comment