InkinoMuburundi

Kenya yatwaye igikombe ca CECAAF y’abagendana ubumuga muri Afrika y’Ubuseruko..

Igihugu ca Kenya baratahukanye igikombe n’imidari y’izahabu mw’ihiganwa rya CECAAF z’abagendana ubumuga zabereye irya mbere mu gihugu c’Uburundi ku kibuga CTN mu gisagara ca Bujumbura, Kenya yatsinze 2 ku 0 igihugu ca Tanzaniya.Uburundi bwatahukanye ikibanza ca 3 batsinze igihigu kibanyi ca Congo ibitsindo 6-1. Patrick Ngoga atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru w’abagendana ubumuga yarashimye cane uko izo nkino zose zabaye bagashigikirwa n’ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo inkino.

Imisi itandatu y’inkino zari zitabiriwe n’abantu benshi vyaragaragaye ko benshi banezerejwe kubona izo nkino mu gihe batari bamenyereye kuzibona. Mu rukino bari bakinye ubwa ihiganwa rikiri mu majonjora Kenya yari yabatsinze ibitsindo 2 ku 0 nyene.Rikaba ari iteka ridasanzwe ku gihugu c’uburundi kubona bwaremerewe gutunganya iryo higanwa.

Image
Justin Nduwimana yatsinze ibitsindo vyinshi kurusha abandi.

Umurundi Justin Nduwimana yarahawe agashimwe nk’umukinyi yatsinze ibitsindo vyinshi afise ibitsindo 6mu nkino 5, Albert Mwakenga yatowe nk’umukinyi yarushije abandi mu gukina neza MVP.

Tubibutse kandi kandi iryo higanwa ryari ryitezwemwo ibihugu 6 ariko Zambie ikaba yasivye ku kanyuma. Abakinyi bitavye bakaba bavuye mu bihugu vya Kenya, Tanzaniya, Ubuganda, Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Related posts

Vision FC izoshobora kugumana ikibanza ca mbere kuriyi ndwi igira 10?

Buja Media

Umurundi akina muri ligue 1 mu Bufaransa.

Buja Media

Academia Deir: Abakinyi 8 bahagaritswe imyaka 5 n’ihadabu yi 10.000.000 ku mukinyi bahorwa gutigira.

Buja Media

Leave a Comment