Mumahanga

Abanya Gaza bariko bahunga baca ku mupaka Rafah baja muri Misiri.

Intambara imaze iminsi yababa amezi 2 muri Israel na Palestina yatumye abatari bake bapfa haba abagore canke abana bakiri bato ikitavuzwe coco n’ibintu bimaze kuhatikirira tutavuze inyubakwa zikomeye ndetse n’inzu z’abantu zimaze kuhononekarira, abantu bafite pasiporo z’amanyamahanga barenga kuri mirongo itatu harimwo na bamwe mu bakozi bo mu buvuzi, bajabutse i Rafah, bavuye mu ntara ya Gaza baja mugihugu ca  Misiri. hari kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 6 Munyonyo uyu mwaka.

Hari haraheze iminsi ibiri kujabukana abantu bihagaritswe, nk’uko abashinzwe umutekano wa Misiri babivuze. Abayobozi bo kurubibe rwa Gaza mbere bari bavuze ko abanyamisiri n’abanyamahanga bamaze gushirwa ku rutonde rubemerera kujabuka, guhera kuwa gatatu mundwi iheze, ko bashobora kujabukira ku mupaka wa Rafah, Aho ni ho hantu honyene hajabukwa n’abaturutse muri Gaza, ataho hahurira ni gihugu ca Israel.IvyasenyutseKwambuka ku banyamahanga n’imiryango yabo kimwe n’abanyagaza bakomeretse, vyari vyahagaritswe kuwa gatandatu nyuma y’uko Israel igize igitero ku modoka itwara abarwayi muri Gaza, nk’uko abayobozi bo mu Misiri babivuze.Amakamyo atwaye imfashanyo yinjira muri Gaza aciye i Rafah, yaragabanutse agera kuri 25 kundwi, avuye ku makamyo 102 kuwa kane ushize. bikemezwa ya ONU.

Ibiro bishinzwe gutanga amakurukuruhande rwa Hamas bashikiriza yuko imodoka yose itwaye abarwayi izoherekezwa na ICRC : “Igikorwa ico ari cose gifasha guca ku mupaka i Rafah, imodoka zitwara abarwayi bakomeretse, kigomba kuba giherekejwe n’imodoka za ICRC n’iza ONU, zijejwe kubacungera, ivyo bizotuma badasubira kuzitera amabobe nkuko biheruka gushika”. ICRC yavuze ko yarungitse imodoka zine zitwaye abarwayi zibakuye ku bitaro al-Shifa mu muji wa Gaza, zibajanye ku mupaka wa Rafah, ejo haheze kuwa kabiri.

Related posts

Kenya: Abantu 35 bashizwe ahabona bakekwa gukorana n’imirwi y’iterabwoba.

Yvan Manager

Haciye imyaka 65, bamenye yuko babagujije bakiri inzoya mu bitaro.

Yvan Manager

Ibihugu 6 vyemerewe kwinjira muri Brics 2024.

Yvan Manager

Leave a Comment