Imibano

Augustin yasubiye kuboneka ari muzima inyuma y’imyaka 3 yitavye Imana.

Augustin yasubiye kuboneka ari muzima inyuma y’imyaka 3 yitavye Imana.

Ku mutumba Gisikara muri komine na Zone Itaba mu ntara ya Gitega, haravugwa umusore yitwa Tuyisabe Augustin, afise imyaka 18 abiwabo hamwe n’ababanyi bemezako yazutse inyuma y’imyaka itatu ashinguranywe iteka ku rupfu rwiwe rwaturutse ku gitanga c’amazi camusomesheje nturi.Iyi nkuru tuyikesha umukozi w’ibiro vyo gutanga amakuru vy’intara ya Gitega ku mugoroba wo ku wa 10/10/2023, yarishikiye kuri uwo mutumba kwirabira ko koko ibivugwa arivyo.

Ahashitse, yakiriwe n’abenegihugu benshi bari mu rusengero ruri kuri uyo mutumba aho birirwa basengera uwo musore bongera batazira Imana kuri ivyo bitangaza bavuga ko yakoze. Uwo mwana ubwiwe, avugako atapfuye, ko ahubwo ubwenge bwayamiriye abantu nabo bakabona ko yapfuye kandi ajanywe muri Tanzaniya gukora akazi ko kuroba maze abari ngaho nabo bagashingura igitikatika. Tuyisabe Augustin, avugako yaciye acika ikijuju, ariko agakora ijoro gusa kuko ku murango ataba akibona, ngo n’ivyo barya vyari ivyo kurya bidatahuritse.

Uwo mwana yoba yarazutse koko ?

Bigirimana Angeline, aremangako uwo musore ari umwana wiwe koko ngo kanatsinda ubu umuryango bose arabamenya. Na mukuru wiwe ari nawe yirukanze kugira ashingurwe avugako umwana ariwe nyene : Jewe kuva agipfa narabivuzeko uyu mwana apfuye urupfu rutangaje ari naco gituma namumaranye imisi itatu ari ikiziga, ndamushingura ku munsi ukurikira tubifashijwemwo na komine; Umwana raba n’intoke ziwe zirafise uburegeya,n’iryinyo ryari ryaravunitse nuko nyene, eka ndetse aracimosha agacube nk’uko vyamye, ikirenze ngaho, uwo mwana raba asa neza cane n’abo bavukana hamwe na Nyina”.

Habonetse abandi bavugako Tuyisabe Augustin ari umwana bareze kuva akiri umwana, ndetse ko yitwa Emmanuel.

Inyuma y’amasengesho, gutazira Imana no gushinga intahe, haraje umugabo yitwa Mweko Patrice abari ngaho batamenye, ashika akora ku rutugu uwo TuyisabeAugustin, avugako ari umuhungu wiwe abavugako uwo mwana yazutse bahuguza, ivyateye uruhagarara aho hantu aho uwo mugabo n’umugore bari kumwe baciye bajanwa kugira intwaro ndetse n’inyamiramabi zitohoze maze ukuri kuje ahabona.

Mweko Patrice avugako uwo mwana we yita Emmanuel yamureze inyuma yo gucura nyina wiwe yari yapfakaye abura iyo aja n’iyo ava. Ngo ni umwana yaje agwaye imvunja ndetse uwo nyina w’umwana ngo aracariho kandi yamuvyayeko abana bane kandi bose ngo bafise uburegeya. Ngo yaba nyina canke uwo mwana bose ngo ntabwenge bukwiye bafise. Avugako bamwitiranije.

Abavyeyi b’uwo mwana basaba nyabuna ko abo bavugako ari umwana wabo amatohoza yobakorerako bakanariha indishi y’akababaro k’iyo myaka yose umwana yakoze adahembwa, ngo umwana nawe ajanwe mu bigo bimukurikirana kugira ubwenge buje ku murongo neza.

Umuhanuzi wa Musitanteri wa Komine Itaba muvyo ajejwe harimwo imibano akaba nawe yari yaserukiye komine igihe hashingurwa TuyisabeAugustin, yasavye abenegihugu gutekana no gukora imirimo ya misi yose anabemererako Intwaro n’inyamiramabi bafashe mu ntoke ico kibazo kugira umuco uzoje ahabona. Gushika ubu ntawuremeza ivyizuka canke ngo abihakane ry’uwo musore abandi bita Emmanuel.

Related posts

Igenekerezo rya 8 Ntwarante yabayeho gute?

Yvan Manager

“Reta y’Uburundi igiye kurondera ubwoko bwiza bw’inkwavu zunguka” E. Ndayishimiye

Yvan Manager

Igikorane “Connect Africa Conference 2023” cahagaritswe n’ubushikiranganji bukurikirana ivy’amashengero.

Yvan Manager

Leave a Comment