IbigezwehoInkino

BURUNDI: Imyiteguro yo kwakira ihiganwa y’isi muri Beachvolley,igeze ku bice 80/100

Uburundi burakira kuva ku wa 17 gushika 20 myandagaro ihiganwa ryo ku rwego rw’ isi muri wa mukino w’ amaboko wo ku musenyi Beachvolley . Ibihugu 15 bivuye ku migabane yose bizoba vyitabiye iryo higanwa. Abakinyi 86 ni bo bazoba bariko barerekana ubuhinga butandukanye.
Serges Ntakavura arongoye ishirahamwe rya VolleyBall mu Burundi. (Isanamu ya kera).
Serges Ntakavura arongoye ishirahamwe rya VolleyBall mu Burundi yamenyesheje ko imyiteguro iriko igenda neza, mbere ngo bari ku musozo. Atanga ibice 80 kw’100 vyaho imyiteguro igeze; inkino zizobera kuri Petit Bassam. Mu gusigura ivyo bice, atanga akarorero k’ ibibanza vy’ abarorerezi vyamaze gutegurwa, amahoteri yamaze gufatwa, ku musenyi bazokinira hasa n’ahahejeje gutegurwa , ibikoresho vyarashitse n’ibindi.
Nayo ku bakinyi bazoserukira Uburundi, uwo arongoye urukino rwa VolleyBall mu Burundi, avuga ko imyimenyerezo bagize itanga icizere. Kandi baramenyereye n’ikibuga co kimwe n’ akayaga ka Tanganyika.
Serges Ntakavura ahamagarira Abarundi gusidukana n’ iyonka kwirabira iryo higanwa ribaye ku ncuro ya mbere mu Burundi, eka ngo mu karere .

Related posts

RWANDA: Nabifashe nk’inkuru, Tshisekedi yipfuza guhindura ubutegetsi bw’u Rwanda.

Buja Media

Kenya:Umuririmvyi Jaguar bamugenye kuba umunyamabanga ashinzwe ivy’intwaro mu bushikiranganji bw’urwaruka n’inkino.

Yvan Manager

Handball: ‘’Dusavye abarwizatunga na reta bazodushigikire mu buryo’’.

Buja Media

Leave a Comment