Angeline Ndayishimiye yitavye inama ijanye n’uruhara rw’ abakenyezi mw’iterambere “Women Deliver Conference 2023” mu gisagara i Kigali kuruyu munsi wa kabiri igenekerezo rya 18 Mukakaro nkuko twabonye ibiro vy’Umukuru w’ Igihugu rwabishize ahabona. Iyo nama yataguye kuwa 17 Mukakaro ikaba yuguruye icese n’Umukuru w’Igihugu c’Urwanda ikazohera igenekerezo rya 20. Habonetsemwo abakuru b’ibihugu bitandukanye.
Nkuko dukesha amafoto Angeline ari mu nzira nuko yaciye ku mupaka wo mu ntara ya Kirundo k’uruhande rwa Gasenyi na Nemba yakiriwe na Daphrose Gahakwa umuhanuzi mukuru mu biro Jeannette Kagame. Umukuru w’igihugu ca Senegal, Macky Sall ndetse na Perezida wa Ethiopia, Madamu Sahle-Work Zewde nuwa Hungary, Madamu Katalin Novák.
Ivyo biruko ni mu gihe Angeline Ndayishimiye yatahutse kuruyu wa gatandatu azanye agashimwe yaronkejwe k’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kitiriwe Abenegihugu 2023.