kuruyu wa 7 Gitugutu, umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD warashizeho inzengo nshasha mu ntara 5 bisunze indinganizo nshasha y’itegeko inumero 1/ 5 yo kuwa 16 Ntwarante 2023 y’ibwirizwa ry’Umukuru w’Igihugu ishiraho intunganyo y’imbibe z’intara nshasha zigize igihugu c’Uburundi. Baratowe mu makoraniro adasanzwe abagiye gutwara amanyamabanga bashasha bagiye gutwara intara uko ari 5 arizo: Bujumbura, Gitega, Butanyerera, Buhumuza na Burunga.

Alexandre Ngoragoze niwe yizigiwe n’ikoraniro kariwe agiye kuba umunyamabanga mu ntara nshasha ya Bujumbura izoba igizwe na Cibitoke ; Bubanza, Bujumbura, Igisagara ca Bujumbura. Alexandre Ngoragoze yahora ari umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Bubanza.

Umushingmateka Georges Nshimirimana yizewe kandi n’abari mw’ikoraniro kariwe agiye kubaja imbere nk’umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Gitega yahora igizwe intara ya Gitega, Karusi, Mwaro na Muramvya. Georges Nshimirimana yahora ari Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Gitega.

Habimana Ferdinand yizewe kandi n’abari mw’ikoraniro kariwe agiye kuja imbere nk’Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Butanyerera yahora igizwe intara ya Ngozi, Kayanza na Kirundo. Ferdinand yahora ari Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Kayanza.

Nzikoruriho sylvain yizewe kandi n’abari mw’ikoraniro kariwe agiye kuja imbere nk’Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Burunga. Yahora igizwe intara ya Rutana, Makamba, Bururi n’igice ca Rumonge na Mwaro. Ferdinand yahora ari Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Rutana.

Gérard Barutwanayo yizewe gutwara intara ya Buhumuza izoba irimwo Ruyigi, Cankuzo na Muyinga. Gérard Barutwanayo yahora ari Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Ruyigi.
Mwomenya yuko bahejeje gutora abo banyamabanga b’Umugambwe CNDD-FDD murizo ntara baciye berekana komite igiye kubafasha murayo mabanga mashasha, bazoba bari mu bisata 10 ibi bikurkira:
1/ Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD;
2/ Icegera c’Umunyamabanga w’Umugambwe, ajejwe no gutororokanya no guhanahana amakuru;
3/ Umunyamabanga w’ibiro vy’Umugambwe;
4/Umunyamabanga ajejwe inyigisho z’akarangamutima, gukundisha igihugu n’Umugambwe no kwinjiza abanywanyi;
5/ Umunyamabanga ajejwe poritike, intwaro n’amategeko;
6/ Umunyamabanga ajejwe iterambere ry’abenegihugu;
7/ Umunyamabanga ajejwe imibano, inkino, amaratiro n’ubuhinga ndangakaranga;
8/ Umunyamabanga ajejwe imihari ikomoka ku mugambwe CNDD-FDD;
9/ Umunyamabanga ajejwe abagumyabanga bahoze ku rugamba rwo guhabuza amahoro na demokarasi mu Burundi;
10/ Uwutwara Abakenyererarugamba;
12/ Uwutwara Imbonerakure.