MuburundiPolitike

Abaserukira ibihugu vyabo bane bahaye Umukuru w’Igihugu amakete abagena mu mabanga.

Ku kirimba Ntare Rushatsi Umukuru w’igihugu yakiriye abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi bane bazanye amakete abagena murayo mabanga hari kuwa 15 Ndamukiza 2025. Rosine Guilène Gatoni, Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu c’Uburundi avugako abo bagiye guserukira ibihugu vyabo mu Burundi baboneyeho akaryo ko gushikiriza ubutumwa Umukuru w’igihugu c’Uburundi bumenyesha ko mu makungu bumaze kumenyekana ko ari igihugu gitekanye kandi kiri ku murindi munini w’iterambere.
Nkuko ayo makuru tuyakesha urubuga X rw’ibiro vy’ Umukuru w’igihugu bijejwe gutanga amakuru  bamenyesha ko abo baserukira ibihugu vyabo bakaba ari umupfasoni Motakot Janemathukom aserukira Ubwami bwa Thaïlande, umushingantahe Naeem Ullah Khan aserukira Republika y’aba Islam ya Pakistan, umupfasoni Nicole Providoli aserukira igihugu ca Suisse n’umushingantahe Abdelkerim Ahmadaye Bakhit aserukira Repuburika ya Tchad. Uko bakurikirana, ubuserukizi bukaba buzoba buri i Naïrobi, i Kigali, i Dar-Es-Salaam n’i Brazzaville.
May be an image of 1 person
Rosine Guilène Gatoni, Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu c’Uburundi.
Rosine Guilène Gatoni avuga ko ari muri iyo ntumbero baganiriye ku bisata bikuru bikuru birimwo amahirwe menshi vyo gufashanyamwo muvyo ubumenyi n’ubuhinga, nk’igisata c’uburimyi, igisata c’abamukerarugendo, igisata c’indero, igisata c’ubudandaji, igisata c’inkino, igisata c’imigenderanire, igisata c’umutekano no kwivuna abansi n’ibindi.

Related posts

Ibintu bikuru bukuru,Varisito Ndayishimiye yakoze mu nama igira 5 ihuza ONU n’ibihugu bitaratera imbere.

Yvan Manager

URUNANI BBC watsinze amanota 235 kurusha iyindi mirwi mur’iyindwi.

Yvan Manager

MissBurundi2025: Amazina y’abigeme 15 bazoja muri Finale yamaze kumenyekana.

Yvan Manager

Leave a Comment