Amagara

Abantu 30 baramaze gufatwa n’umugera wa korera mu karere k’imbo.

Abantu barenga 30 nibo bamaze gufatwa umugera w’indwara ya Korera mu Burundi nkuko vyemezwa mw’itangazo ry’ ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya sida buhamagarira abenegihugu bose na cane cane abegereye ikiyaya c’imbo kwama bitwararika isuku bihagije. Abanyagihugu bemeza ko ubukene bw’amazi meza ari yo ntandaro nyamukuru y’iyo ngwara. Amaritiro y’amazi agiye gutangwa Umuryango utabara imbabare Croix Rouge hamwe n’urwego rujejwe gutabara mu bihe vy’ibiza ku munsi muri zone Gihosha ahamaze gutogwa iyo ndwara.

Peut être une image de 1 personne et salle de presseMuganga Polycalpe Ndayikeza avugira ubwo bushikiranganji yabishikirije kuri uyu wa 05 Nyakanga inyuma yaho hari abarwayi bashasha binjijwe ibitaro kubera choléra.
Akamenyeshako uturere tumwe tumwe tw’ubuvuzi bw’intara za Cibitoke, Bujumbura hamwe n’igisagara ca Bujumbura aritwo tumaze kwibonekezamwo abo barwayi.
May be an image of 2 people
Umuryango utabara imbabare Croix Rouge hamwe n’urwego rujejwe gutabara mu bihe vy’ibiza bemeye kuzoza baratanga amaritiro y’amazi ibihumbi 20 ku munsi niyo ku banyagihugu baba muri karitiye Nyabagere muri zone Gihosha havugwa ubukene bw’amazi n’ikiza ca korera.
Bamwe mu banyagihugu barashima ico gikorwa. Ariko basaba ko bokongereza izindi tangi kugire abanyagihugu birinde ikiza ca korera kivugwa muri ako gacimbiri.
Muganga Polycalpe Ndayikeza asaba abenegihugu kwitwararika ibi bikurikira:
– Gukara n’amazi n’isabuni imbere yuko bafugura;
-Gukara n’amazi n’isabuni bavuye mu kazu kasugumwe;
-Gukara n’amazi n’isabuni imbere yokwonsa umwana;
-Gukara n’amazi n’isabuni ugiheza gusukura ibikoresha vy’umwana
-Gufugura ibiteguye neza harimwo isuku;
-Gufundikira neza ivyo mwatetse;
-Kunwa amazi ateguwe neza kubafise amazi adasa neza bobanza kuyateka.
Basaba abenegihugu baba mu turere habonetsemwo iyo ndwara bagire ishaka kubijanye n’isuku no gukoesha neza utuzu twasugumwe.

 

Related posts

Johali yibarutse abana 6, yasohotse ibitaro.

Yvan Manager

Nta Ebola canke umugera wa Marburg urashika mu Burundi.

Yvan Manager

ANSS yatunganije uruganda ruhuza ibihugu 7 vyo muri Afrika yo hagati n’iyubuseruko.

Yvan Manager

Leave a Comment