ImyidagaduroInkino

Abaririmvyi bahamagariwe kuja mu bikorwa rusangi ku kibuga Itwari.

Inyubako itarahera y’ikibuga Itwari.

Abanwanyi b’ ishirahamwe ry’ abaririmvyi  mu Burundi barahamagariwe kwitabira kubwinshi ibikorwa rusangi bizoba ahariko hubakwa ikibuga Intwari kuruyu wa gatandatu, igenekerezo rya 4 Ntwarante isaha zibiri za gatondo.

‘’ Twese duterere ico dushoboye,igihugu ni icacu kandi natwe turabaco,turagikeneye kandi naco kiradukeneye. Stade Intwari iradukeneye uno musi, natwe tuzoyikenera ejo.’’ Amwe mu majambo bashize kuri mbuga ya Facebook yiryo shirahamwe.

Ivyo bikorwa ntitwari tubimenyereye kubona abaririmvyi baja gukora bimwe mu bikorwa nkivyo bikazokwerekana yuko nabo bagize ico batanga mu kugira ico baterereye mu nyubakwa zico kibuga.

Mwomenye yuko abenegihugu bo mu gisagara ca bujumbura bahora bitunganya kugira baje gushigikira mu bikorwa vy’inguvu mukuja gukora ibikorwa bitandukanye.

Related posts

BS Dynamik wa myuma watsinze Vision FC wari mu kibanza ca mbere kundwi igira 10.

Buja Media

Sénégal – Égypte: Uguhangana kwa Salah na Mané ninde azagushika muri finale ya CAN2025?

Buja Media

Igikombe c’isi ca 2026: Urukino rumwe rurashobora kumara amasaha Atatu canke arenga

Boris IRAKOZE

Leave a Comment