ImyidagaduroInkino

Abaririmvyi bahamagariwe kuja mu bikorwa rusangi ku kibuga Itwari.

Inyubako itarahera y’ikibuga Itwari.

Abanwanyi b’ ishirahamwe ry’ abaririmvyi  mu Burundi barahamagariwe kwitabira kubwinshi ibikorwa rusangi bizoba ahariko hubakwa ikibuga Intwari kuruyu wa gatandatu, igenekerezo rya 4 Ntwarante isaha zibiri za gatondo.

‘’ Twese duterere ico dushoboye,igihugu ni icacu kandi natwe turabaco,turagikeneye kandi naco kiradukeneye. Stade Intwari iradukeneye uno musi, natwe tuzoyikenera ejo.’’ Amwe mu majambo bashize kuri mbuga ya Facebook yiryo shirahamwe.

Ivyo bikorwa ntitwari tubimenyereye kubona abaririmvyi baja gukora bimwe mu bikorwa nkivyo bikazokwerekana yuko nabo bagize ico batanga mu kugira ico baterereye mu nyubakwa zico kibuga.

Mwomenye yuko abenegihugu bo mu gisagara ca bujumbura bahora bitunganya kugira baje gushigikira mu bikorwa vy’inguvu mukuja gukora ibikorwa bitandukanye.

Related posts

Mondiale 2026: Hasigaye imisi 400 itagure, Mexique iriteguriye kwakira abakunzi benshi cane.

Buja Media

Miss Burundi 2025: Amazina 10 y’abatowe muri Butanyerera yamenyekanye.

Buja Media

William Perry umukinyi mushasha w’ Urunani BBC,n’ibiki vyamuranze muri kahise?

Buja Media

Leave a Comment