Inkino z’igikombe c’isi cimirije zirashobora guhura n’intambamyi y’ihindagurika ry’ikirere gutyo zikaza ziratangura zitevye canke zigaharikwa m’urukino hagati.

Iyo nimwe mu mpungenge ibandanije gutera amakenga ko izohava igabanya uburyohe bwa kino gikombe c’isi ca 2026 kigiye kubera mubihugu vya Canada, USA na Mexique.

Vyitezwe ko inkino zimwe na zimwe zishobora gucererwa canke zigahagarikwa bivanye n’ikibazo c’imiravyo n’inkuba bikunze kuboneka mu kirere cane cane muri Reta zunze ubumwe z’Amerika. Nk’uko amategeko agenga ivy’umutekano igihe hibonekeje inkuba muri Amerika abitomora, urukino ruzoca ruhagarikwa hakimara kuboneka inkuba canke umuravyo kubirometero 13 uvuye kukibuga. Abakinnyi ngo bazoca basubizwa mu rwambariro vyihuse, mu gihe abafana bobo bazoca bahabwa umutekano ujanye n’uko bitwara muri ivyobihe.
Ikindi citezwe ngo inyuma yo guhagarikwa urukino, hazoharurwa iminota 30. Bishitse iyominota igahera atamiravyo canke inkuba yibonekeje, abakinyi bazogaruka mukibuga urukino rubandanye. Nayo mugihe inkuba zizobandanya gukubita muri wamwanya bari bahagaritse, ayo mategeko avuga ko bazoca batangura guharura bahereye k’umunota w’ubusa.

Zimwe munkurikizi zishobora gukwirikira iki kibazo harimwo ko inkino zigiye guteba zikamara amasaha meshi narirya urwego FIFA rusanzwe rudatomora neza amategeko agenga umwanya ntarenrwa w’ihagarikwa ry’urukino imbere yo kuwegeza amasaha imbere canke kuwuhagarika burundu. Vyitezwe ko buri kibazo kizoza kirirwa muburyo bwaco.
Nayo FIFA yoyo yatangaje ko iriko irakorana vya hafi n’inzego muvyo zijejwe harimwo itegekanyagihe hamwe n’izumutekano muri Amerika, Canada na Mexique kugira ngo babe baritegurira ibihe bidasanzwe bishobora kuza umwanya uwari we wese muri irihiganwa buca ritangura kuncuro ya 26 kuva ryatangura.
Womenya ko ataribwo bwambere ibibazo nkibi vyibonekeje. Mu Gikombe c’Isi c’imigwi (Club World Cup) giheruka kubera muri Amerika nyene umwaka uheze, nk’urukino rwahuje Chelsea na Benfica rwaracerewe cane kubwo ihindagurika ry’ikirere. Urwo rukino rwamaze amasaha 4 n’iminota 38 imbere y’uko rurangira
