AmafotoIbigezwehoImyidagaduro

N’igiki cihishe inyuma y’abakobwa basama imbanyi inyuma yo kumenyekana m’uruganda rw’imyidagaduro mu Burundi ?

Imwe mungingo zinkoramutima zibandanyije kwibazwako, n’ibitigiri vy’abigeme basama inda hakiri kare bakimara kumenyekana muruganda rw’imyidagaduro mugihugu c’uburundi. Ivyo bigatera impungenge no kwibaza kuri kazoza kakino gisata kitaraja k’urugero rw’abandi mu karere, Afrika no mw’isi yose muri rusangi.

Iyo n’ingingo kandiĀ  yagarutsweko Mu kiganiro Explosive co kuri uyu wa 03 Ruheshi 2026 kuri Buja TVĀ  inyuma y’aho umwigeme Bercy Noella atangarije ko yibungenze inda y’imvuka.

Bercy Noella Igiraneza yamenyekanye mundirimbo “KOSHO” y’umuririmvyi Herry Irankunda (Drama-T), abandanya kugarukwako no kuvurwa cane kumbuga hwaniro abantu bibaza impumvu n’icihishe inyuma y’abakobwa basama imbanyi inyuma y’igihe gito bamenyekanye haba mumasanamu y’indirimbo (Clip Video) canke uruganda rw’imyidagaduro muri rusangi.

Bercy Noella Igiraneza yagaragaye mumasanamu yibungenze inda y'imvuka
Bercy Noella Igiraneza yagaragaye mumasanamu yibungenze inda y’imvuka
Bercy Noella Igiraneza mumunyenga wokwakira ikibondo

Abicishije k’urubuga rwiwe bwite akoresha kuri Instagram Bercy Noella Igiraneza yagize ati: ” Imana yarandemesheje mu bihe vyose vy’ubwoba, mu marira yose no mu bihe vyose vy’ububabare naciyemwo. Uyu musi na ho, yashize mu maboko yanje umuhezagiro uruta iyindi yose. Umutima wanje wuzuye ugushima. Murakoze Mwami kuba mwazanye umwana wanje nkunda cane kuri iyi si amahoro n’amagara meza Icubahiro cose ni ic’Imana!”

Bercy Noella Igiraneza yamenyekanye mundirimbo “KOSHO” mumasanamu yibungenze inda y’imvuka

Inyuma yayo majambo, isi y’imyidagaduro mu Burundi yaguye mugahundwe bituma hatangura kwibazwa hirya no hino kazoza kakino gisata.

Umumenyeshamakuru HassanH abona ko impinga ikiri ndende kugira urwo ruganda rutere imbere mugihe abarurimwo batarabigira umwuga! Avuga ko abigeme bahanzwe cane.

“mbe muburundi nibangahe tubona bashoboye kumara imyaka n’ibiri batarasama inda ? Mu burundi ntanumuvyeyi yemera ko umwana wiwe aja murayo ma clip, ndakubwire … jewe ndazi n’umukobwa yagiye mundirimbo ya Melanin Boy munyuma umuryango wiwe usaba ko yofutwa” — niko HassanH yabandanije avuga’

K’urundi ruhande Umumenyeshamakuru Nice Sky abona ko hariho abagerageje kumara kabiri. Avuga ko abarimwo Nice Sky ubwiwe, Mona Walda Kaneza (Mow Kanzie), Ines Raguel, Vania Ice aribo karorero keza abandi bokwigirako!

Mugihe rero habandanya kwibazwa inyishu irama kuri iki kibazo, abari muri urwo ruganda babona ko n’ikena ryabo bigeme riri mubifukamye munda uruganda. Muri ico kiganiro nyene DJ Israel asanzwe ari inararibonye muruganda we avuga ko nabakobwa bahari bakiri bake.

Muri ico kiganiro ushobora kuraba kuri Youtube Buja Media, HassanH abona ko inyishu ibereye kugira ico kibazo c’ikena ry’abobigeme n’ inyifato z’ubunyamwuga buke gitorerwe inyishu ngo n’uko hobaho amashirahamwe y’abigenga gutyo ngo bakabikora kinyamwuga kandi bizwi n’imuryango yabo!

Womenyako kubwo ikena n’ibura ryabo bigeme, mumasanamu y’indirimbo ariko arasohoka cane muri iyimisi hibonekezamwo amasura amwe aguma agaruka. aha twovuga cane nko kundirimbo zabaririmvyi nka B-Face, D-One, Lino-G, Sat-B n’abandi benshi…

Natwe reka twibafatanye n’abandi mukwibaza aka kabazo, N’igiki cihishe inyuma y’abakobwa basama imbanyi inyuma yo kumenyekana m’uruganda rw’imyidagaduro mu Burundi ?

Related posts

Amashene mashasha 9 y’ Igiswahiri kuri Canal+.

Buja Media

DJ Ira yahawe ubwenegihugu bwo mu Rwanda.

Buja Media

AMAZI WATER: Bateguye ikarashishi ku munsi mpuzamakungu wahariwe amazi.

Buja Media

Leave a Comment