InkinoMuburundi

Play Off 2025: William Perry mu murwi w’ Urunani BBC.

Perry Kiah William agiye kuja mu gitigiri c’abakinyi b’umurwi Urunani BBC mu nkino bagiye kujamwo za Play Off nkuko ayo makuru tuyakesha inzengo nyobozi zuwo murwi babicishije ku mbuga ngurukanabumenyi zuwo murwi. Perry afise ubwenegihugu bwo muri Amerika akaba amaze gukina kurwego rwa BAL nka Ferroviario de Beira (Mozambique) mu mwaka wi 2022 na 2023, Rivers Hoopers (Nigeria) muri  BAL  mu 2024, hamwe na AS Ville de Dakar (Sénégal) uyu mwaka wi 2025.

Umukinyi Perry Kiah Perry afise imyaka 31, uburebure 1,83m, n’ umukInyi yabigize umwuga akina mu kibanza c’inimero 1 akadugana umupira niwe amenya umuntu awuha kugira atsinde. Umurwi Urunani bbc rumuzanye igihe bahejeje gutsinda umurwi wa Dyanmo ukebana cane ku manota 60 kuri 52 mu ndwi heze yo kuwa 17 Rusama.

Kurutonde rw’Urunani ruri mu kibanza ca 2 muriryo higanwa rya VBL 2025, basigaje inkino 3 kugira bace batagura ihiganwa rya Play Off.

Related posts

Ishirahamwe CAF ryagize amasezerano yo gukorana na komisiyo y’iburaya.

Buja Media

Indirimbo 10 zamenyekanye zigiye muri Finale ya Isanganiro Awards.

Buja Media

Varisito Ndayishimiye yarahagarariye amasezerano yo guhagarika intambara hagati yu Rwanda na Congo

Buja Media

Leave a Comment