InkinoMuburundi

Play Off 2025: William Perry mu murwi w’ Urunani BBC.

Perry Kiah William agiye kuja mu gitigiri c’abakinyi b’umurwi Urunani BBC mu nkino bagiye kujamwo za Play Off nkuko ayo makuru tuyakesha inzengo nyobozi zuwo murwi babicishije ku mbuga ngurukanabumenyi zuwo murwi. Perry afise ubwenegihugu bwo muri Amerika akaba amaze gukina kurwego rwa BAL nka Ferroviario de Beira (Mozambique) mu mwaka wi 2022 na 2023, Rivers Hoopers (Nigeria) muri  BAL  mu 2024, hamwe na AS Ville de Dakar (Sénégal) uyu mwaka wi 2025.

Umukinyi Perry Kiah Perry afise imyaka 31, uburebure 1,83m, n’ umukInyi yabigize umwuga akina mu kibanza c’inimero 1 akadugana umupira niwe amenya umuntu awuha kugira atsinde. Umurwi Urunani bbc rumuzanye igihe bahejeje gutsinda umurwi wa Dyanmo ukebana cane ku manota 60 kuri 52 mu ndwi heze yo kuwa 17 Rusama.

Kurutonde rw’Urunani ruri mu kibanza ca 2 muriryo higanwa rya VBL 2025, basigaje inkino 3 kugira bace batagura ihiganwa rya Play Off.

Related posts

Amaziko ya Papa Fransisko azoba kuwa 26 Ndamukiza muri Bazilika ya Mariya mweranda.

Buja Media

Abakinyi 25 b’Intamba mu Rugamba bagiye gukina amajonjora y’igikombe c’isi 2026.

Buja Media

Intumwa zidasanzwe za FIFA zashitse ku kibuga Intwari.

Buja Media

Leave a Comment