ImibanoMumahanga

Vatikano: Abakardinali batanguye imyiteguro yo gutora Papa mushasha.

Imiryango rusangi y’abategetsi muri Ekleziya Katolika yuguruwe icese ku mugaragaro ku wa mbere igenekerezo rya 5 Rusama i Vatikano, imbere y’ikoraniro ritegekanijwe inyuma y’umutaga kw’igenekerezo rya 7 Rusama  ryo gutora uwuzosubirira Papa Francis aheruka gushegera. Uwo muvyeyi yatanze imihoho ku mvo z’amagara, bituma haba amatora y’umupapa wa 267 muri kahise ka Ekleziya Katolika. Iminsi 3 imbere Kardinali Péter Erdő wo muri Hongiriya yarahimbaje imisa idasanzwe ku musi wa Mungu mu Paruwase yiwe yitiriwe, Basilika ya Sainte-Françoise-Romaine.

Abakaridinali 133 bari munsi y’imyaka 80 nibo bazokwitaba ayo matora, inyuma y’aho babiri muri bo bivanye kubera imvo z’amagara yabo atameze neza. Bakomoka mu bihugu 71, bagize akanama kajejwe gutora kamaze gukorwa mu buryo butandukanye. Mu gihe ibihuha bikomeje, abakardinali benshi barasaba kwitonda. “Bisaba igihe kugira ngo uhitemwo umukardinali,” ni ko yavuze kardinali Louis Raphaël Sako mu binyamakuru. Ubufaransa Jean-Paul Vesco yagize ati: “Hari abantu benshi bashobora kuba Papa. Ndumva neza, tuzafata igihe gikenewe.” Amatora azoba mu mwiherero, muri chapelle Sixtine, hakurikijwe amategeko adasanzwe angenga ivyo bikorwa.

Ibisabwa ni amajwi 89, ni ukuvuga ibice bibiri vya gatatu, kugira ngo hatorwe umu papa mushasha w’ Idini Katolika.

Related posts

RDC: M23 wemeye guhagarika intambara..

Yvan Manager

Ibiharuro mfatakibanza vya rusansuma y’abarundi ni 12.332.788 vyemezwa na reta.

Yvan Manager

Abakaridinali batanu bo muri Afrika buca batora Papa.

Yvan Manager

Leave a Comment