MuburundiUbutunzi

Imiduga iduga ruguru igiye kuronswa igitoro na Sopebu vyoroshe.

Imiduga ikorera hagati mu gihugu yaronkejwe igitoro n’ishirahamwe SOPEBU ikurikirana ibijanye n’itangwa ryaco ku giciro cemewe n’ubushikiranganji bw’ubudandaji  ivyo bikorwa bikaba vyagiye mu ngiro mu gukorana neza na ATRABU rijejwe gutwara abantu n’ibintu mu Burundi. Abanyagihugu kubwabo ngo bagiye kworoherwa kuko ibitoro vyabonetse, muri ibi bihe twimirije Pasika.
Iki gikorwa catanguye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2025, kuri sitasiyo Lybajas Oil yo mu Ngagara, ikorera kw’ibarabara rya Cotebu-Mutakura, ni ico guha igitoro imodoka z’amashirahamwe yunguruza abantu.
May be an image of 1 person, eyewear and text
Bosco Minani atwara ATRABU. (Photo RTNB)

Kuruhande rwa Bosco Minani atwara ATRABU amenyesha yuko imiduga yabo yari mu bubiko ati:  “Amashirahamwe menshi yunguruza abantu yari yarabitse imiduga kubera ukubura ibitoro, ubu rero abiyunguruza bagiye kuronka imiduga vyoroshe kandi ku biciro vyemewe y’amategeko”

Uwutwara Atrabu amenyesha yuko ama Agence azoronka igitoro arayazwi n’ubushikiranganji bakukira “baramaze gushikiriza Sopebu intonde z’imiduga yose ikorera mu ma ‘Agence’ kugira bashobore kwama bategekanije ibitoro vyazo.”
Muri SOPEBU bashigikira yuko umunyagihugu atosubira kuzimbwa baja hagati mu gihugu iti: “Umunyagihugu ntasubire kuzimbwa, mu kwiyunguruza aja mu ntara hagati ! Igiciro ni kimwe Reta yashinga”
Ahandi ico gikorwa kigiye kubandaniriza muri ino ndwi nyene ni ku bafata ibarabara RN1, Bujumbura-Ngozi-Kirundo-Muyinga na Bujumbura-Matana-Rutana-Makamba, hamwe na Bujumbura-Rumonge-Nyanza Lac na Makamba nyene, kandi hose umunsi mukuru wa pasika uzogera abantu borohewe mu vyo kwiyunguruza.
Abaronse uyu munsi n’abakorera kuma Agence bo mu ntara za Bujumbura, Gitega, Karusi, Cankuzo na Ruyigi bamenyeshejwe yuko ni bagera kumanuka bazoja kandi kunwesha igitoro kuyandi ma station bakorana nimwe ya mbere yi Bujumbura.

Related posts

”Ikibazo ca reta cataguye neza muri rusangi” Umushikiranganji w’indero.

Yvan Manager

Umurundi Thilo Kehrer akina AS Monaco yaje gukurikirana imigambi akorera mu Burundi.

Yvan Manager

Meri ya Bujumbura yataguye gusuzuma abadandaza ibasaba ko bomenyekanisha ivyo bakora.

Yvan Manager

Leave a Comment