ImibanoMuburundi

Burundi: Abayisilamu bahimbaje umunsi mukuru wa Eid el Fitri.

Abayisilamu bo hirya no hino kw’isi bifatanije n’abandi kw’isi kuri uyu wa mungu igenekerezo rya 30 Ntwarante 2025 mu guhimbaza umusi mukuru wa Eid el Fitri wo gusozera ukwezi kwa Ramadhan. Hakizimana Musa, icegera c’umukuru wa COMIBU mu ntara yagutse ya Bujumbura, yahamagariye aba Islamu kwongereza utwigoro twabo mu kwongereza umwimbu, kugira ngo buri munwa ugire ibifungurwa n’amafaranga. Mu ntara ya Ngozi Umukuru w’igihugu yarungitse Jean Claude Karerwa Ndenzako nk’intumwa yiwe abibutsa ko barundi bose bahamagariwe kugira uruhara mu ntumbero yo gushika ku mbonokazoza yo mu w’2040-2060.

 

 

Hakizimana Musa, Icegera c’umukuru wa COMIBU mu ntara yagutse ya Bujumbura.

Hakizimana Musa asaba aba Islamu b’i Mukaza kugira uruhara rukomeye mu matora yimirije, bakirinda ibisamaza ahubwo babandanye ibikorwa vyabo vy’iterambere, asaba Reta y’Uburundi kwongereza igitigiri c’abisilamu mu nzego zifata ingingo.Kuri we, abahamagarira gukora cane bakimbura umusesekara kugira baronka nivyo bashora hanze amahera y’agaciro afashe igihugu, ivyo bikazofasha mu gushira mu ngiro icerekezo c’Uburundi 2040-2060.

Sheikh Yussuf Gihete yahamagariye aba Islamu bo mu gisagara ca Mukaza kubandanya bagira inyifato nziza mu kwezi kwa Ramadhan, n’inyuma y’uko ukwezi kwa Ramadhan kurangira. Mu Burundi, igisabisho co guhimbaza umunsi mukuru wa Eid el-Fitr cabereye mu bisagara vyose, mu bibanza 258.

 

 

Related posts

Ikirangaminsi c’ihiganwa rya Play Offs camenyekanye.

Yvan Manager

Yaga yahagaritswe ivy’agateganyo na CNC.

Yvan Manager

Reta y’Amerika yahagaritse ibimenyeshamakuru 3 iha uburyo harimwo VOA.

Yvan Manager

Leave a Comment