ImibanoMuburundi

Musenyeri Emmanuel Sinzohagera yimikwa.

Musenyeri Emmanuel Sinzohagera yimitswe ku mugaragaro ku kibuga Ingoma mu ntara ya Gitega, mu mabanga mashasha yo kuba  Musenyeri w’ishengero Méthodiste Uni mu Burundi. Ivyo birori vyatewe iteka n’Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye arikumwe n’Umutambukanyi wiwe n’abandi bubahwa bagize Leta y’uburundi. Emmanuel ahamagarira abanyeshengero kwitandukanya n’amatati n’amacakubiri yakahise gutyo bahaguruke bubake ishengero.
Abari murico kibanza kurico kibuga hari abantu benshi kandi batandukanye bari baje murico gikorwa co kumwimika ku mugaragaro, Musenyeri Emmanuel Sinzohagera yiyemeje gukomeza urukundo no kuvura imitima hamwe no ubumwe hagati y’abanyeshengero ndetse n’ayandi madini n’amashengero kugira bateze imbere igihugu. Ahamagarira abanyeshengero kwitandukanya n’amatati n’amacakubiri yakahise gutyo bahaguruke bubake ishengero. Musenyeri Emmanuel Sinzohagera yiyemeje kuguma ari umwizigirwa no kudahemukira Ijambo ry’Imana, mukurivuga hose no gutanga amasakaramentu nk’Umukozi w’Imana. Nkuko ayo makuru tuyakesha urubuga rwo kumeyeshaamakuru rw’intara ya Gitega.
Image
Evariste Ndayishimiye Umukuru w’igihugu c’Uburundi.(Photo Ntare House)
Umukuru w’igihugu c’uburundi, Evariste Ndayishimiye yakeje Musenyeri Emmanuel Sinzohagera aho ndetse amenyesha ko ku mwete wiwe yizeye kw’ishengero rigiye gutera imbere. Evariste Ndayishimiye avuga gukiza imitima bijana n’ugukiza imibiri kuko ijambo ry’Imana abantu ntiboryumviriza neza munda atakiriyo.ivyo navyo bica mw’iterambere n’ubutunzi arinaco gituma bategerezwa no kwigisha abayoboke babo kurwiza umwimbu.
Image
Musenyeri mushasha Emmanuel Sinzohagera yaronkejwe ibimenyetso vy’ishengero harimwo inkoni y’ubwungere, bibiriya n’ibindi bimenyetso abihawe n’abakuriye ishengero.
Emmanuel Sinzohagera akaba asubiriye umuganda yarahagarariye iryo shengero igihe kirekire kuva musenyeri Alfred Ndoricimpa yari arirongoye yitavye Imana.

Related posts

Emmanuel Sinzohagera yatowe kuba musenyeri mw’ishengero Méthodiste Unie.

Buja Media

N’akahe karusho ko kuganira k’ubuhinga bwo kunywanisha urwaruka mu kibano?

Buja Media

Amatora 2025: Abasitanteri bashasha batowe ku mugaragaro.

Buja Media

Leave a Comment