ImyidagaduroMuburundi

Amagaba yaserukiye Uburundi mw’isabukuru ryo mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Umurwi Amagaba waserukiye Uburundi mw’isabukuru y’imico n’akaranga muri kano karere k’ubuseruko duhurikiyemwo  “Festival of Art and Culture” iza kubera mu gisagara ca Addis Abeba muri Éthiopie kuva 20 gushika 23 Ntwarante 2025 bazoba barikumwe n’ibihugu 11 vyo muri Afrika y’ubuseruko, harimwo: Uburundi, Uganda, Rwanda, Djibouti, Sudani y’Epfo, Somalia, Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo, Tanzania na Kenya ku civugo “Imico n’imigenzo myiza y’akarere,” uwo mugambi uzohuza ibihugu n’intara”.
Kwitaba iyo sabukuru bizokongereza uruhara rudasanzwe imigenderanire y’imico n’ibindi y’ibihugu bazohurirayo na cane ku bijanye n’imico kama n’ubukerarugendo. Umurwi Amagaba waheruka gushira ahabona indirimbo irikumwe n’ amasanamu bise ”Burundi bwiza”. Amagaba bagaragara cane mu bikorwa vyinshi bikomeye harimwo amana akomeye igihugu cakira, mw’ihiganwa rya Miss Burundi ndetse no mubindi bikorwa bishishikariza kwerekana ishusho ryiza ry’imico n’akaranga y’igihugu cacu.

Related posts

Primus Ligue Burundi: Hinjiye ibitsindo 21, Aigle Noir yagumye mu kibanza ca 1.

Yvan Manager

BS Dynamik wa myuma watsinze Vision FC wari mu kibanza ca mbere kundwi igira 10.

Yvan Manager

Festival Canal Comedy Buja 2023: Canal+ igiye kwerekana abarundi bazi gutwenza.

Yvan Manager

Leave a Comment