Politike

Paul Kagame yakiriye ubutumwa bwa mugenziwe w’Uburundi.

Kuruyu wa mbere igenekerezo rya 6 Gitugutu, Paul Kagame yakiriye ku kirimba iwe Umushikiranganji w’Uburundi Gervais Abayeho muvyo ajejwe harimwo ajejwe imigabo n’imigambi y’ibikorwa vy’iyinjira ry’ibihugu vyo muri kano karere ka afrika y’ubuseruko EAC, Umukuru w’Igihugu c’Urwanda Paul Kagame yarakiriye mu biro iwe biri muri village Urugwiro intumwa za Evariste Ndayishimiye zari zirongowe n’umushikiranganji Amb Gervais Abayeho ajejwe imigabo n’imigambi ya EAC, urwaruka, inkino n’imico kama.
Ikinyamakuru Igihe co ngaho mu Rwanda kivuga ko ubutumwa Evariste Ndayishimiye yari arungikiye mugenzi we Paul Kagame ari ibanga. Ariko ngo ivyo bishimangira ko ivyo bihugu vyompi biriko birakora ibidasanzwe mu gutsimbataza imigenderanire yari yaratosekaye kuva mu mwaka wa 2015.
Mwomenya ko abo bategetsi bamaze kurungikiranira intumwa ku mpande zose, kugeza ku rwego abatambukanyi babo bagenderaniye mu bikorwa basanzwe bategura biri kurwengo rw’abatambukanyi babakuru b’ibihugu.  Ivyo biruko mu gihe mu kwezi kwa Ruhuhuma 2023, Paul Kagame akaba yarishikiye i Bujumbura.

Related posts

Amazina 9 y’abazoserukira Uburundi mu makungu yemejwe n’Inama Nkenguzamateka.

Yvan Manager

Batatu mu bari mu nzego nyobozi z’Umugambwe CNDD-FDD basubirijwe.

Yvan Manager

Amatora 2025: ”Igikorwa co gutanga amakarata yitora cagenze neza” François Bizimana avugira CENI.

Yvan Manager

Leave a Comment