
Umushikirizamanza mukuru w’igihugu, Leonard Manirakiza, yasohoye itangazo ryemeza ko Dieudonné Murengerantwari yafashwe ari mu minwe y’inzego z’ubucamanza ubu ariko arasambishwa arikumwe n’umugwizatunga, Sylvestre Niyonsaba, bagirizwa kubangamira ubutunzi bw’igihugu, ibiturire mu buryo buteruye bafashwe itari 7 na 8 uku kwezi kw’icumi, nk’uko itangazo rivuga. Iryo tangazo ryagiye ahabona haciye iminsi hanugwanugwa yuko batawe muri yompi.
Mw’itangazo ryashinzwwe ahabona ryagiriza uwahora ari Umuyobozi wiyo banki nkuru ibi bikurikira:
- kubangamira ubutunzi bw’igihugu
- ibiturire mu buryo buteruye
- gukoresha no gutunga amafaranga y’inkomoko mbi
- hamwe no kunyuruza amatungo y’igihugu.
Léonard Manirakiza arahumuriza imiryango y’abafashwe ko amategeko y’igihugu azokurikizwa mu gukurikirana abo bantu, akagirako agabisha abadashaka kwinjira mu ntumbero y’Uburundi buzoba buteye imbere muri 2060.
“Nashaka guhumuriza imiryango ko ico gikorwa kiriko kirakorwa hubahirijwe uburengenzira bahabwa n’igitabo c’ingene imanza mpanavyaha ziburanishwa n’ayandi mategeko ya repuburika’’Umushikirizamanza mukuru w’igihugu, Leonard Manirakiza
Umushikirizamanza mukuru wa republika avuga ko ivyo bagirizwa ari vy’imfatakibanza muri iki gihe dosiye ikiri mw’itohoza. Bisigura ko hari ibishobora kwongerwako canke bikavanwako bivanye n’ibivuye mu matohoza. Ico bakoze nyezina muri ivyo vyose kizomenyekana urubanza rushitse mw’iburanishwa.