Impusha 990 zitanga uburenganzira bwo gusohoka igihugu (Pasiporo) zateshejwe agaciro za abategetsi zabo mu gihugu ca Niger hamwe n’abandi ba nyamahanga bari hafi y’ubutegetsi bwaheruka gukugwa ku butegetsu kunguvu n’igisirikare ca Nigere. Iryo tangazo ryashizwe ahabona umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo umubano mwiza n’ibindi bihugu nkuko urwo rwandiko rwaciye kumbunga ngurukanabumenyi. Hibonekeje pasiporo 50 zari zifise Abafaransa n’abanyamerika n’abandi bava mu bihugu vya Afrika.
Benshi bari bafise izo pasiporo n’abategetsi bahoze ari bakuru muri reta, abahoze ari abashingamateka ndetse n’abahanuzi b’umushikiranganji wa mbere ndetse n’Umukuru w’Igihugu yahahora Mohamed Bazoum.Bishitse kandi irya kabiri kuko mu mpera z’ukwezi k’umunani ubutegetsi bwa gisirikari bwatesheje agaciro pasiporo z’abahoze ari abategetsi bari hanze y’igihugu harimwo uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wico gihugu , umushikiranganji ajejwe ibindi bihugu, uwuserukira Niger mu Bufaransa.
Ivyo biruko mu gihugu Mohamed Bazoum yatembagajwe ku nguvu n’umugwi w’abasirikare igenekerezo rya 26 Mukakaro, gushika uyu munsi ufungiwe iwe.