Ubutunzi

“Kubahiriza amategeko ku kumafaranga mvamakungu” Gervais Ndirakobuca.

« Umuntu wese azofatwa afise amafaranga y’amanyahanga (devises), bikaboneka ko atari adafashe urugendo rwo mu mahanga canke ngo yerekane ko yari agiye kuyavunjisha aho bigenewe, ko azokurikiranwa n’ubutungane nk’uwashatse guhungabanya ubutunzi bw’igihugu ». Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yabishikirije igihe yariko agirisha inama abavunja amafaranga mvamakungu  mu ngoro kwa Ntare Rushatsi.

Image
Ahariko harabera inama ivuga ivyo vyayo mahera Mvamakungu.

Murivyinshi bavuganye muriyo nama bikuru bikuru bashitseko nibi bikurikira :

Amazu avunja asabwe kuba yasubije ku ma konte yayo, mu kiringo c’iminsi 3, amafaranga imiriyoni 500 z’amarundi y’umutahe w’ibanze. Ayo mahera ni ingwati si ayo gukoresha ibikorwa vya buri munsi,Inzu yo kuvunja itazoshobora kwegeranya (yongere inabimenyeshe) amafaranga afise agaciro k’amadorare canke ama Euro 50.000 ku ndwi izoca yugarwa, amazu akora akazi ko kurungika amafaranga aja canke ava hanze y’igihugu arahagaritswe. Ico gikorwa kirekuriwe amabanki y’ubudandaji yonyene, amazu yo kuvunja yuguruwe kw’izina ry’abantu barenga umwe asabwa gushikana mw’ibanki nkuru y’igihugu impapuro zivyemeza hatarenze kuri uyu wa 12 Ruheshi 2023. ImageUmuntu wese azofatwa afise amahera mvamakungu mu mufuko (cash) adafise urugendo rwo hanze agira afate canke atariko ayajana kuyavunjisha azokurikiranwa. Urudandazwa rwose rukorerwa ku butaka bw’Uburundi, uretse ibijanye no gutanga ubufasha (service) nk’amahoteri, rutegerezwa gukorwa mu mafaranga y’amarundi.

 

Related posts

“Abadandariza ngo barasiguriwe ibijanye n’ibiciro bishasha” Carine Kamikazi

Yvan Manager

Igitoro cadugijwe igiciro mu Burundi

Yvan Manager

Ibiciro vy’ibitoro vya Essence na Mazout vyagabanutse, Pétrole iraduga.

Yvan Manager

Leave a Comment