Imyidagaduro

Abaririmvyi 3 bazoja muri Caravane Eco-Touristique yateguwe na Map Tours &Travels LTD.

Map Tours & Travels LTD igiye gukorana igikorwa n’abaririmvyi bashigikirwa na Cristal Event kugira bashikane ico gikorwa kure bise “Caravane Eco Touristique” kizoba kiri mu ntumbero yo kwerekana ishusho ryiza ry’Uburundi mu kugendera ibibanza vyiratiro biri mu ntara z’igize igihugu (Bujumbura, Bururi, Rutana, Gitega, Muramvya) ku ma genekerezo ya 8 na 9 Mukakaro 2023.

Kuruhande Dj Paulin ahagarariye ico gikorwa kizoba kirimwo abaririmvyi batatu aribo Double Jay, Vania Ice na Dram-T barashimye igikorwa co gukorana niryo shirahamwe ridandaza ingendo rigakora nivyo gutembereza abantu kubona barabahisemwo n’ikimenyetso ciza cuko bariko bararirimba neza. Map Tours& Travels LTD nayo iriko irafasha Cristal Event mu bijanye n’imyiteguro yose kugira abo baririmvyi nabo bazoshobore kuzoteramisha abantu mu bihugu biri ku mugabane wa Amerika nka Canada n’ibindi. Ikindi kintu bazokunguka n’ibijanye no kuronka amatike y’indenge murivyo bikorwa bazoba barimwo abo baririmvyi.

Fidèle Nikoyagize arongoye Map Tours& Travels LTD.

Fidèle Nikoyagize arongoye Map Tours& Travels LTD kubwiwe abonako gukorana nabo baririmvyi bafise izina rinini mugisata c’umuziki bizobashikana kure ikindi nuko iryo shirahamwe ridandaza rifise irindi bakorana ryitwa Map Event mu gihugu ca Canada ariryo umurundi yitwa Mucowintore Boris ahurikiyemwo. Boris Mucowintore niwe ariko arakora ibishoboka vyose abibafasha n’ibijanye nivyo biteramo bizobera murivyo bihugu  narirya ariho amaze imyaka irenga 15 aba.

Fidèle Nikoyagize arahamagarira abantu bipfuza kumenya ibijanye nivyo bibanza vy’iratiro yuko bokwitaba ico gikorwa ca Caravane Eco Touristique akamenyesha yuko abo baririmvyi ata biteramo bazokora ariko bazoba barikumwe kuko bazi neza kamafoto yabo bari murico gikorwa azoshika kure, abakunzi babo baba henshi hashoboka bazomenya ivyico gikorwa.

 

Related posts

Big Fizzo mu giteramo co kwinjira icese ubunywero Guera Plaza.

Yvan Manager

Umukuru w’Igihugu yuguruye indwi yahariwe abarundi baba mu makungu.

Yvan Manager

Primusic ku ncuro ya 5, iragarutse.

Yvan Manager

Leave a Comment