InkinoMumahanga

Ligue des champions: Urukino atanumwe rwafashije, Real Madrid-Manchester City (1-1).

Urukino gwariko ruhuza umugwi wa  Real Madrid na Manchester City gwarangiye bose banganije igitsindo kimwe ku kindi ku kibuga Santiago Bernabéu mu rukino rwari rudasanzwe.
Ibintu bizoja ahabona murukino rwo gusubiriza ku kibuga ca Manchester city mundwiza. 

Imigwi yose yerekanye ubuhinga budasanzwe mu kibuga hagati kuko bose bari baje biteguye bikwiye,
kumpande zose abakinyi ngendegwako nka bose niho bari uretse Eder Militao wa Real Madrid atabonetse kubera amakarata menshi y’umuhondo (Carton Jaune).


Inyuma y’urukino havuzwe vyinshi kukuntu umuhagarikizi w’urukino na VAR bavyitwayemwo. Abamenyereza bose bagize ico bashikiriza inyuma y’urukino uko bagwakiriye nuko biteze ibikurikira Carlo Ancelotti : ” Umupira (kuri Bernardo Silva) wari warenze. Ni uko bimeze. Ubuhinga bwavyerekanye. Sintahura ukuntu VAR itagiye gusuzuma. Umuhagarikizi ntiyitayeho ibintu vyinshi mu rukino .”Yarongeye aravuga ati : “BeIN sports yerekanye ko umupira wari warenze. Twese twabibonye. Ubuhinga bwa 3D bwavyerekanye… gusa VAR ntavyo yabonye.”

Mugenziwe wa Man city yagize ico avuga

Pep Guardiola

Guardiola: ” Nimba wari wariteze ko tuza ngaha tugatsinda urukino ku bitsindo bitandatu, ico n’ ikibazo cawe.” Aho hari inyuma yuko umumenyeshamakuru amubajije igituma atatsinze ibitsindo vyinshi, vyose bizodadanuka mundwi imwe gusa, aho tuzomenya umugwi uja mu gihugu ca Turquie Istanbul gukina urukino rwa UEFA Champions League.

Related posts

Volleyball: Muzinga iratwaye igikombe mu bigeme.

Buja Media

Urukino rushasha rw’ abagendana ubumuga mu Burundi.

Yvan Manager

Abakunzi b’Intamba bagize ico bavuga inyuma yo gutsindwa na Cameroun.

Yvan Manager

Leave a Comment