Imibano

N’akahe karusho ko kuganira k’ubuhinga bwo kunywanisha urwaruka mu kibano?

Ivyigwa vy’imibano birerekana ko ahari abantu haba n’amatati. Ayo matati nyene ntacagura mu kwibonekeza ntaraba intara, ubwoko, umugwi kanaka canke uwundi, habe namba nta n’urukoba afatirako. Ivyo vyigwa birerekana kandi ko iyo hibonekeje amatati mu kibano, iyo habonetse amahigwe yo kuyatorera umuti birashikana kw’iterambere.

Mu mwaka w’2020, ikigo CENAP (Centre d’Alerte et de Prévention des Conflits) carakoze icigwa aho catororokanije amasura canke ubwoko bw’amatati yibonekeza mu ntara zirenga zine zo mu Burundi. Muri ico cigwa haraboneka ibice bimwe bimwe birangwamwo amatati menshi ashingiye ku matongo n’ahandi usanga ashingiye ku bindi. Mu gihe tuzi ko urwego rw’abashingantahe rwahora runywanisha abarundi kuva ku ntwaro ya cami, vuba ruherutse gusubirizwa n’ abahuza.

Umugwi w’abize imibano muri Kaminuza y’Uburundi.

Twashatse kumenya ico urwaruka ruvyiyumvirako, twegera Christophe Niyongendako, aserukira umugwi w’abize imibano muri Kaminuza y’Uburundi ( Club de Sociologie de l’Université du Burundi ).
araheza atubwira ko muri iyo ntumbero umugwi wabo bize ivyigwa vy’ imibano bazogira igikorwa co guhanahana ivyiyumviro ku buhinga bwo kunywanisha abagiraniye amatati bafadikanije n’ikigo Cenap .
Kubwiwe ugukurikirana ivyakozwe mu ntumbero yo kumenya uko abarundi babikora ni intambwe imwe mu gutsimbataza amahoro ikindi ashima n’uko ivyo vyigwa vyakozwe bizobwirwa urwaruka narwo rukaba ari rwo rufise kazoza imbere ruzokure rubizi maze tuzobikoreshe mu buzima bwa misi yose.

Umugwi Club de Sociologie wavutse mu mwaka w’2013, utangujwe n’abari mu runganwe rwa mbere mu batanguye kwiga mu ntunganyo yi igisata ca kabiri ca kaminuza (BMD), uno mwaka ukwije imyaka 10 bakorera mu gisata co gukwiragiza ubumenyi butohojwe neza mu ntumbero yo gushikana igihugu kw’iterambere.

Related posts

Burundi: Abayisilamu bahimbaje umunsi mukuru wa Eid el Fitri.

Yvan Manager

Abakaridinali batanu bo muri Afrika buca batora Papa.

Yvan Manager

Papa Francis yitavye Imana mu gatondo ahitanwe n’irwara.

Yvan Manager

Leave a Comment